Bamwe mu barimyi bakorera mu bice bitandukanye vyo muri komine Bubanza mu ntara ya Bujumbura baridoga ko bariko baragira ingorane zitumwe n’ibura ry’ifumbire yo mu bwoko bwa irré, bamenyesha ko haheze amasizeni 3 bararishe amafaranga basabwa ariko n’ubu bakaba batarayironka.
Abo barimyi bavuga ko ifumbire iriko iratagwa iri mubwoko bwa irré ariko iyo iriko iratangwa niyihabwa abayisavye mu gihe c’agatasi n’impeshi. Abo bari batanze ama “reçu” yabo barihiyeko nabo bakaba batahana ivyanditse vyemeza ko iyo fumbire bazoyironswa mu gihe izoba yashitse.
Muri kino gihe iriko iratangwa benshi barashima. N’aho biri uko hari abagitemberana ama “reçu”. Mu bayaze na Radio Indundi Culture baridoga ko kuva mu gatasi ifumbire ya irré batarayironswa. Uruhombo ni rwinshi kuvyo barimye. Nko muri “coopérative Tugwanye ubugaragwa” bavuga ko ataco bimbuye mu gatasi co kimwe no mu mpeshi. Basaba ko abarongonzi b’imitumba baraye batowe canke abandi bategetsi ko bobavugira.
Muri Mukakaro igenekerezo rya 10, umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo uburimyi n’ubworozi yari yamenyesheje ko ifumbire yo mu bwoko bwa irré ko yari imaze gushika mu ntara zose gushika ku rugero rungana n’ibice 51kw’ijana.