AgriculturehomepageKirundi

Buhumuza: Umukuru w’igihugu yaraye agendeye abarimyi b’ikibonobono

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yaragendeye abarimyi  b’ikibonobono kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 1 Nyakanga 2025.

Inyuma yo gushikiriza ku mugaragaro uwugiye kuramutswa ubuyobozi bw’intara ya Buhumuza Denis Ndaruhekere na Musitanteri wa komine Cankuzo Nahima Marie Rose, Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaciye agendera bamwe mu barimyi b’igiterwa c’ikibonobono bahurikiye mw’ishirahamwe UNASCOKI “Union Nationale des sociétés coopératives de cultivateurs du kibonobono”.

Urwo rugendo rw’umukuru w’igihugu rwabereye ku mutumba Nyabitsinda muri komine ya Cankuzo ahari umurima w’ikibonobono ungana na hegitari 12 aho ikiro gishobora kugurwa amafaranga 10000 gihingurwamwo amavuta akoreshwa mu nganda aho ibisigarira vyaco biheza bikavamwo ifumbire.

UNASCOKI n’abarimyi bari muri iryo nshirahamwe bakiranye akanyamuneza bongera bereka Umukuru w’igihugu uko ico giterwa c’ikibonobono gifise akamaro mu butunzi bw’igihugu.

UNOSCOKI ni urunani rw’ama coopératives ahurikiyemwo abarimyi b’ico giterwa c’ikibonobono baba hano mu gihugu c’Uburundi no mu mahanga.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga ko ata tongo ry’igihugu rigiye kuzokwicarira ubusa, agasaba abafise imigambi y’uburimyi kuronswa ikibanza kugira biteze imbere bongera bateza imbere n’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE