Abanyagihugu baba muri karitiye Kajiji mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura bamenyesha ko hamaze kwibonekeza abamaze kwandura indwara ya choléra kubw’ubukene bw’amazi yibonekeza muri ako gace. Ubuyobozi bwa komine Mugere buremeza ico kibazo bugasigura ko vuba bugiye kugikemura.
Mu makaritiye twaciyemwo ya Kajiji na Busoro twasanze abanyagihugu bafise ubwoba kuko indwara ya choléra ihavurwa. Abo twavuganye bo mu gice ca kajiji berekana ko nabo bashobora kwandura kuko hari abamaze gutorwako iyo ndwara.
Ahandi iyo ndwara ivugwa ni muri karitiye ya Busoro nk’uko tubibwirwa n’abo banyagihugu.
N’aho bashikiriza ko vyoba biva k’ubukene bw’amazi buvurwa muri ayo makaritiye, hari kandi n’isuku rike ryoba riri mu bituma ico kiza cibonekezaho. Abo banyagihugu babona ko nyabuna hokwongererezwa amazi meza kugira vyorohe kurwanya ico kiza. Mu buyobozi bwa komine Mugere baremeza ayo makuru. Venuste Ndabagoye, umwe mu bahanuzi bo mu buyobozi bwa komine agira ati: “nivyo muri iyi minsi haribonekeza ikibazo c’ikena ry’amazi mu busoro hamwe na cellule kajiji hariho n’amakuru dufise ko hamaze kwibonekeza indwara ya choléra muri ivyo bice urumva ingorane yatanguye kwibonekeza biturutse kw’iryo kena ry’amazi”
Indwara ya choléra ivurwa mu makaritiye ya Kajiji na Busoro ziri muri zone Kanyosha komine Mugere intara ya Bujumbura yoba imaze ikiringo c’imisi irenga 7 ata mazi aharangwa nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu baho. Amakuru atangwa n’ubuyobozi bwa komine avuga ko hari umugambi wo kwongereza amazi meza muri ivyo bice biciye mw’ishirahamwe ritanga amazi regideso.