EntertainmentKirundiSociété

Bujumbura : Imihana imwimwe irageramiwe n’imigaga

Imwe mu miryango iri ku mutumba Kabumba zone Ruyaga Komine Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura iratewe impugenge n’imiganga ibagamiye amazu yabo. Bamwe mu banyagihugu baho barataye izabo batinya ko inzu zobabomokerako. Basaba Reta ko yobagarukirako kugira ngo bagire aho bakika umusaya.

Umwe mu banyagihugu baba mur’iyo mihana yegereye kw’ibarabara ry’igihugu inomero 7, Bujumbura-Jenda yaganiriye n’insamirizi Indundi Culture kuri uno wa 20 Nzero 2025 avuga ko haheruka kubomoka mu mwaka uheze wa 2024. Iyo migaga ngo ikaba ifise inkomoko kuyasatuye iryo barabara.

Abo banyagihugu bashikiriza kandi ko inzu zigomba kubabomokerako ata mwaka uahera bazubatse. Ngo bari bimutse igihe babona imanga zo haruguru ziriko zirabomoka inzu babamwo zibabomokeyeko.

Gushika ubu ntaco barafashwa kugira ngo baronke ukuntu bobaho. Bavuga ko bibabaje kubona umuntu yari afise aho aba ariko munyuma akabura aho akika umusaya kubera ico kibazo.

Umunyamabanga nshingwabikorwa ntayegayezwa muri iyo Komine ya Kanyosha Prudent Baranyikwa avuga ko abakihaba bohava kuko bimaze kuboneka ko uwo mutumba ubangamiwe n’ibibomoka.

Uyo mutware amenyesha kandi ko Komine iriko iriga ico kibazo hamwe n’abo bafashanya kugira hafashwe abanyagihugu bataye izabo muri ako karere hamwe n’abahaburiye imirima.

Si ubwa mbere ivyo bibomoka bihitanye amazu kuri uwo mutumba. No mu mwaka uheze w’2024, amazu 7 niyo yabomotse hamwe n’ayandi agera kuri 5 yabomotse imbere y’aho mu kwezi kwa Rusama mu mwaka wa 2023.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE