EntertainmentKirundi

Bujumbura: Vichou Love agiye kuzoteramisha abakundanye n’abakunzi b’umuziki

Vichou Love agiye kuzoteramisha abakundana k’umusi mukuru wabahariwe wama uhimbazwa igenekerezo rya 14 Ruhuhuma uko umwaka utashe, abicishije mu muziki w’ikibiriraho. Uwo musi uzoba ari n’akaryo ko kurekura amasanamu y’indirimbo yakoranye na Esther Nish isanzwe iri muri Album yiwe yise Ikete. Ivyo birori bikazobera mu kibanza citwa Samuel’s hope.

Vichou Love ni umuririmvyi Uburundi bwishimira na cane cane hageze kuri stage kuko atanaruha. Amaze gukora ibiteramo bitari bike mu gihugu ndetse no hanze y’igihugu aho mu mpera za bur’indwi aboneka mu bibanza birenga 5 ateramisha abakunzi biwe. Vichou Love aremeza ijana kw’ijana ko umuziki ariwo umutunze.

Munyigisho z’urukundo yatanguye kuza arashikiriza abamukurikirana ku mbuga-hwaniro ziwe, avuga ko agiye kubandanya atanga inyishigisho zikwiye, yabishikirije mu kiganiro Indundi Hit show aheruka gutanga ku nsamirizi Indundi Culture.

Vichou Love ahamagarira abakunzi biwe kuzokwitaba ari benshi kuri uyo musi kuko azoshira n’ahabona indirimbo yise agasafari yaririmbanye n’umuririmvyikazi Esther Nish.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE