EntertainmentKirundi

Bujumbura: Vichou love ari mubaririmvyi bambere bakoranye n’abaririmvyi bashika 9 muri Album

 

Intumbero yatumye Vichou love akorana n’abaririmvyi 9 muri album yiwe yise”Ikete”niyo kwerekana akarorero keza hamwe n’urukundo abaririmvyi b’abarundi bakwiye kugiranira,nkuko abivuga.

Vianney Nzigamasabo azwi kw’izina rya Vichou love amenyesha ko akenshi abaririmvyi barenze 3 canke 4 bakunze kuboneka mu gikorwa kimwe iyo hitavye Imana umuntu w’umukuru canke umuririmvyi niho hakunze kuboneka kuja hamwe mukuririmbira hamwe ari benshi,ngo kubwivyo rero niho yategura gukora album yiwe yise Ikete mu gukorana n’abaririmvyi 9,ivyo vyose yabikoze kugira akomeze urukundo hamwe n’abandi basangiye umwuga wo kuririmba mu kubabera icitegererezo.

Mu giteramo cari catunganijwe na PAEEJ kuwa 7 mukakaro habonetse , Vichou ahamagara mugenziwe Fernando imbere ku butambiro aho yamubaza ikibazo kijanye nuko bagiye gukora indirimbo hamwe kubwiwe vichou amenyeshako ko yashaka kumenyesha igikorwa azokorana n’uwo muririmvyi hamwe na Melanin Boy, Nzigamasabo avuga kandi ko ariko arategura gusohora indirimbo arikumw na Fernando hamwe na Melanin Boy mu ntumbero yo kuba hagati yabo nk’umuhuza, ivyo akaba yabicishije muri zimwe mu mbonesha kure zikorera aha mu gihugu c’uburundi kuwa 6 Ruhuhuma 2025.

Bugingo turi mu kwezi kwahariwe urukundo,Vichou love amenyesha ko kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2025 azosohora indirimbo yise “Agasafari”yakoranye n’umuririmvyi kazi w’umurundi Esther Nish izoba iri akaganuke ahaye abantu bari m’urukundo ndetse n’abakunzi biwe.

Vichou agahanura abaririmvyi bose ko bobana m’urupfasoni hama bagakora cane kugira ngo igihugu cacu gitere imbere mu muziki.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE