Musitanteri wa komine Vyanda Alexis Nshimirimana na Nzohabonayo Eroste umukozi ajejwe kugenzura umwimbu wegeranijwe n’ikigo Anagessa barahagaritswe kuri uyu wa kane igenenekerezo rya 10 Ndamukiza 2025 ,bakaba bahagaritswe inyuma ya Augustin Ntakirutimana yarasanzwe arongoye Ububiko bw’ibigori buri muri zone Gitsiro buri muri iyo komine akaba yari yatawe muri yompi kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante 2025.
Umuhanuzi mukuru w’ intara ya Bururi Juvent Ndayikeza avugako Alexis Nshimirimana na Nzohabonayo Eroste batawe muri yompi nyuma yaho hakozwe amatohoza bagakogwako inyuma yubu biko buri muri komine Gitsiro.
Uko ari batatu bagirizwa gushikiriza ko hari ubwo bubiko burimwo toni zirenga 13 z’ibigori ariko batigeze babishikana ,bikavurwa ko vyateje igihombo kirenga Imiriyoni 22 muma faranga y’amarundi.
Baka batawe muri yompi na parake ikukira sentare isubiramwo imanza ya Bururi ifadikanije n’igipolisi kijejwe kugwanya igiturire bakaba
bajanywe mw’ibohero rya Mpimba
Juvent Ndayikeza akamenyesha ko umunyamabanga ntayegayezwa wa komine Vyanda ariwe agiye kuzoca asigara ahagarariye komine mu gihe c’agateganyo kugira ibikorwa bigende neza.