Umuhinyanyuzi akaba n’umuririmvyi asanzwe avuka mu ntara ya Ngozi azwi kw’izina rya Endo Mike yaramaze imyaka 3 mu gihugu ca Canada aho yarikumwe n’umuryango wiwe ariko ubu akaba abarizwa mu gihugu c’u Burundi,benshi bakibaza impamvu atahatevye maze akihutira kugaruka mu gihugu c’amavukiro.
Endo Mike benshi batanguye ku mumenya cane atanguye gukorera muri Bantu bwoy hakaba haciye imyaka 3 atakihakorera kuvaho yahisemwo gusanga umugore wiwe muri CANADA ariko mu mpera z’umwaka wa 2024 abarizwa mu gihugu c’uburundi. Kuva agarutse mu gihugu ciwe c’amavukiro ari mu gacerere kadasanzwe bituma benshi bagumana amadidane bashaka kumenya ibikorwa nyamukuru vyamuzanye narirya atan’imyaka myinshi yaramaze muri Canada aho yari amaze 3 gusa, hano Burundi naho akaba ahamaze amezi 3 ivyo bigatuma haba ibibazo abakunzi biwe bibaza mugihe ari no mu gacerere biboneka ko ibikorwa bari bamuzimwo bitariko birakorwa,bwamwe bavuga ko yoba yarirukanywe abandi ngo n’umugore ntamukeneye.
Uwo muhinyanyuzi yarahavuye ava mugacere acishije k’umbuga ziwe ng’urukana bumenyi yanditse agira ati:”Ubutumwa bwose nguma ndonka n’ubumbaza ryari nzosubira CANADA!”
Biboneka ko nawenyene ngaho atanyishu yatanze ku bibazo abamukurikirana bafise bikaba arinavyo vyatumye indundi magazine bamurondera,mu kiyago bakoranye na Indundi magazine n’ubwo atasiguye vyinshi
yavuze ati:” Ivyanzanye icambere nari nkumbuye u Burundi n’abarundi hamwe n’umuryango wanje.
nayo ibikorwa n’ivyinshi maze gukora vuba biraboneka.”
Endo Mike kandi avuga ko hazoboneka ivyo yakoreye abandi baririmvyi ndetse n’indirimbo 2 zo muri Album yiwe zarakorewe amasanamu ngaha mu Burundi iyindi ndirimbo igira gatatu akazoyikorera Canada muri iyo album akaba yashimye gutanga amasanamu y’indirimbo 3.
Vyumvikana ko abari bibaza ko ataco yoba yaraje gukora mu gihugu ciwe bihenda kuko gusubira inyuma ari ngombwa kuko hari n’ibikorwa ategura gukorerayo,ahubwo tukibaza duti mbe
ivyo bikorwa bizosohoka ryari? Gute? Nawe akishura ko azobimenyesha hanyuma.
Musomyi mwiza mbe harya umurundi aba mu mahanga iyafashe akaruhuko abakwiye kuhamara ikiringo kingana gute kugira ntarambire abarundi?hoho birakwiye ko umuntu bamuharura ikiringo azomara mu gihugu ciwe?