EntertainmentKirundi

Fabelove aragize ico avuga ku ndirimbo “umufana “

Umuririmvyi w’umurundi Fabelove ashikiriza ko gushika ubu atabwoba aterwa n’umuririmvyi B-Face, ivyo abivuga afatiye ku ndirimbo aheruka gusohora yise “umufana”

“Indirimbo umufana ni amajambo yogushira kuri statut kuko ntabuhiga burimwo, iyo ndirimbo uyumvirije neza si Hip pop umengo umuntu yariko arasoma igitabo  kandi sinibaza ko yoja mu bantu bafise impano yokurirumba Hip pop kuri ico niyihagane.”uko niko umuririmvyi Fabeloveashikiriza .Araheza akabandanya avuga ko abantu bo senga kuko avuze ngo aramwishuye ntiyosubira  gukora umuziki kuko mu mwaka wa 2018 narakoze  indirimbo “ Dogo” iyindi “magonyangi “ izo zose ntaco yazivuze ko bisigura ko aracari muto mu muziki.

Uyo muririmvyi w’umurundi azwi nka Fabe love ashikiriza ko naho woba udakunda umuntu urashobora kumwandikira umwifuriza imisuhuko ariko kubona yanditse kurya uca umengo ashaka kurangiza umuntu  ariko namba abantu barakiriye neza igikorwa ca B -Face nivyiza ariko ntaco yaririmve  .

FAbe love atangaza ko B – Face atamutinya kuko ari umuntu muto cane muri Hip pop kuko naho yasohotse igihugu akaja gukora ibiteramo hanze birya ataco bisigura kuko nyimba ufise umungezi hanyuma akagutumira utaba ugiye  muvya Trace award kandi namba ashaka ko ndamwishura si no mugirira vesi imwe kandi ndamutse nandika yitegure  vesi zitatu hamwe yicuza icatumye avuga izina ryanje.

Abadanya amenyesha  ko vuba cane agiye gusohoka inkintu gishasha arikumwe  n’umuririmvyi Sat-B.Uyu mwaka Fabelove avuga ko afise igikorwa cogusohora  indirimbo ari kumwe n’umuririmvyi wo hanze y’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE