BurundiEntertainmenthomepageKirundi

Fabelove ntaco asigiye abaririmvyi b’abarundi

Umuririmvyi Fabelove avuga ko Hip Hop ikora abantu bazi ivyo bariko barakora nayo abakora izindi ndirimbo ngo n’uko baba bashaka kuririmba nk’abakobwa. Ngo iyo uje gukora umuziki wa Hip Hop uba wiyemera ata kwiyorohereza kuko ni akazi. Kubwa Fabelove, abaririmvyi b’abarundi bose barira kumwe. Nta muririmvyi n’umwe akora akazi k’umuziki ng’aha mu Burundi atunze.

Mu kiganiro indundi hit show co kuwa 17 ruhuhuma 2025 gica ku nsamirizi Indundi Culture, Fabelove ashikiriza ko abaririmvyi biyemera ko bafise amafaranga ibikorwa vyabo biherera mu Burundi mbere n’ivyo kuja gukorera mu mahanga ngo si ikirenga. Uburyo bw’abaririmvyi ngo ntibukwiye, ahubwo aba diaspora hamwe n’ababishoboye bafise amahiguriro boraba bagafasha abaririmvyi kugira ngo batere imbere nk’abandi.

Fabilove amenyesha kandi ko kutavugana na B-Face ari ibisanzwe kuko ngo ntabwo abayeho kugira ngo avugane n’abantu bose. Nayo ivyo ama ”bifu” yari hagati ya Sat-B nawe ubu ngo vyaraheze kuko babonye ko atakamaro bifise. Ukutaboneka cane mu biganiro, Fabelove avuga ko biva ahanini ku bamenyesha makuru bamwe bamwe bavyifatamwo ukutarikwo. Atanga akarorero avuga ati : ”Nko gufata ikiganiro hama ntibagishire ku mbuga ngurukana bumenyi ivyo n’ivyo gusubizanya inyuma.”

Uyo muririmvyi ashikiriza ko uyu mwaka atari uw’amabifu, ngo ni uwo gukora cane n’aho baheruka kumwiba ibikoresho vyose yahora akoresha umuziki mu nzu yiwe ihinyanyura umuziki. Yamara arashimira abantu basanzwe bakorana kuko ubu ngo bamaze gutera iyindi ntambwe.

Fabilove avuga ko kubona adakora cane mu ndirimbo z’amashusho aruko abuze umu ”manageur”, agasaba aba diaspora n’abandi babishoboye bazi ico arico umuziki ko bomushigikira.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE