Imiryango yababa ibihumbi 10 n’iyo yakozweko n’imvura yaguye ku munsi wa gatatu w’ino ndwi muri zone Ngoma komine Gashikanwa intara ya Ngozi .Amashure hamwe n’mirima igizwe n’ibiharage , ibitoke hamwe n’ibindi ikaba yarahitanywe n’iyo mvura. Ubu imwe mu miryango yakozweko n’iyo mvura ikaba itagira aho ikika umusaya kuko amazu yayo yagurutse .Ikaba itewe impungenge nuko hashobora kwaduka inzara.
Imitumba yakozweko n’iyo mvura ni Gatukuza,Rutanga,Maruri na Cihonda.Abajejwe intwaro muri iyo komine baharura imiryango yababa ibihumbi 10 ko ariyo yakozweko niyo mvura yari ivanze n’umuyaga hamwe n’urubura.Bagereranya kandi ko uburinganire bugera kuri hegitari 12 ,bw’ibiterwa bigizwe n’ibiharage,ibitoke n’ibindi arivyo vyakozweko n’iyo mvura muma zone ya Ngoma na Gashikanwa . Ubu imiryango yakozweko n’iyo mvura , imwe ntigira aho ikika umusaya , iyo bugorovye canke imvura iguye ivuga ko ica ija kwaka indaro. Violette Nduwayo ,umukenyezi wo ku mutumba Maruri zone Gashikanwa ,umwe muyakozweko cane n’iyo mvura,avuga ko umwimbu w’ibiharage wari kuba mwiza ariko ubu ataco bazoronka , ko ivyo vyashitse bishobora gutuma baterwa n’inzara kuko vyaba ibitoke,n’imyumbati navyo vyahitanywe n’iyo mvura.Ubu abanyagashikanwa bakozweko n’iyo mvura, basaba Reta kubagarukirako kuko ivyabaye babifata nk’ikiza.
Umunyamabanga nshingwabikorwa ntayegayezwa wa komine Gashikanwa Bosco Ndayishimiye avuga ko uretse imirima y’ibiterwa yononywe n’iyo mvura,amashure agera kuri atanu nayo yaguruwe n’umuyaga.Uyo mutware avuga ko abanyagihugu bokwihutira gutera ibindi biterwa nk’ibijumbu birinda amazi , kugira bahangane n’inzara. Uretse iyo mvura yaguye kuri uyo munsi wa gatatu, imvura nk’iyo kandi ivanze n’umuyaga ikaba yaraguye muri komine Ngozi, aho nko ku mutumba Rusuguti hari n’amazu yaguruwe n’umuyaga.