BurundihomepageKirundiSante

Gatumba: bararajwe ishinga n’ikiza ca cholera

Amezi agiye gukwira atatu hatanguye kwibonekeza indwara ya cholera ubu ifatwa nk’ikiza mu turere yibonekejemwo. Mu Gatumba, abanyagihugu baho berekana ko n’ubu batariko baroroherwa kugwanya iyo ndwara.

Abo banyagatumba bagwiriyemwo imiryango yateshejwe izabo n’amazi y’ikiyaga Tanganyika bavuga ko n’ubu ata mazi meza aharangwa co kimwe n’ubwiherero rusangi.

Abanyagihugu baho babona ko kugira bashobore guhangana no kugwanya ikiza ca cholera boronswa amazi meza hamwe n’uko hokubakwa utuzu tw’ubwiherero rusangi mu bibanza bihuriramwo abantu benshi.

Uburongozi bwa zone Gatumba buvuga ko ico kiza ca cholera n’aho kitoroshe kugwanya buriko buragerageza guhangana naco nk’uko bivugwa na Dieudonne Mubanda aramutswa iyo zone.

Kuva mu mwaka w’2023 ubushikiranganji bw’amagara y’abantu butangaje ikiza ca cholera mu Burundi mu burere bumwe bumwe, muri Nyakanga uwu mwaka ubwo bushikiranganji bwatanganje ko kuva muri nzero uno mwaka nyene hari hamaze gutorwa abantu 1012 bari bagwaye bo muri komine Ntahangwa na Cibitoke. Muribo 6 bo muri komine Cibitoke bari bitavye Imana. Haciye hafatwa ingingo yo gukorera hamwe n’ibindi bisata kugira bashobore kwiga uko hogwanywa ico kiza mu gukwiza amazi meza mu bice bitandukanye bivugwamwo ico kiza.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE