EntertainmentKirundisocialSociété

Gatumba: Basaba ababijejwe kubimura nkuko babigiriye abandi

 

Abanyagihugu bateshejwe izabo n’imyuzurira y’amazi bo muri zone Gatumba komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura batarimurwa muri ico gice basaba ababijejwe kubimura nkuko babigiriye abandi kuko bahura n’ingorane nyishi, bavuga ko amasango bahabwa n’abategetsi yo kwimurwa muri ico kibanza tubahirizwa.

 

Bamwe muri abo banyagihugu bavugako bama babaha isango ryo kwimurwa ntiyubahirizwe,  bamwe mubaba kuri zone Gatumba basigura ko bahura n’ivyago vyinshi kandi ntibagarukirweko, ni mugihe kandi imihana yabo ikibarizwamwo amazi y’uruzi Ruzisi n’ikiyaga Tanganyika.

Umwe muri abo banyagihugu amenyesha ko akinjikira imbere yagahema asanzwe abamwo , yemeza kandi ko babizeza kuzokwimurwa ariko atanabaza kubagarukirako mu gihe bahuye n’ivyago muri ivyo bibanza .

Basaba ababijejwe kubimura nkuko bimuye abandi mu bindi bibanza ,bakerekeza igisabo cabo k’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kubatwara nkuko batwaye abandi kuko atari abanyamahanga ara abarundi nk’abandi.

Ni mugihe Umukuru w’igihugu Evariste Ndayimishiye mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru n’abanyagihugu mu mpera z’umwaka wa 2024 yamenyeshejeko hari ibiriko birategurwa kugira bashigwe aho babandanya barangura ibikorwa vyabo.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE