EntertainmentKirundiSociété

Gupanga inzu mu gisagara ca Bujumbura vyabaye ingorane

 

Mu gisagara ca Bujumbura ukwo imisi ihera niko inzu zo gupanga ziduzwa ibiciro, ivyo bigatuma abapangayi bidoga kuko babona ko bitera uruhagarara mu gihe ivyo bakora canke agashahara kabo kataba kaduze kuri ugwo rugero.

 

Igitigiri kinini c’ababa mu gisagara ca Bujumbura n’abapanze,twovuga imiryango, abanyeshure, abikorera utwabo ndetse n’abakozi ba reta mu gihe amazu yo gupanga aduzwa ibiciro umusi k’uwundi bikaboneka ko bene amazu ataco bisunga mu kuduza ivyo biciro,abakera nibo bayamaze bati:”Uwuri n’inkwi arya ibihiye.”

C.K  asanzwe aba munzu apanze mu gisagara ca Bujumbura agira ati:”Ntavyizigiro mfise kuko n’ubu ndiko ndondera inzu nobamwo ariko ukuntu ibiciro babiduza binteye ubwoba, kuko baduza ibiciro bakongera bagasaba amahera y’ibanze y’amezi 3 canke 4 mu gihe umushahara umuntu ahembwa utoshobora no kumufasha kuriha iyo nzu.”

Ubwo bukene bw’uburaro buriko buribonekeza muri ico gisagara bamwe mu bapanga inzu bavuga ko ziduzwa ibiciro n’abaranzi(comissionaire) kuko haba hariko
hazirondera abava mu gihugu ca Congo canke abandi banyamahanga baba mu gisagara ca Bujumbura kuko bo batanga amahera menshi ndetse bagashobora no gutanga amahera y’umwaka wose.

Bamwe mubafise inzu zikoswe bavuga ko nabo baduza inzu zabo bisunze ko ibiciro vyaduze, batanga akarorero mu kuja mw’isoko gusuma,canke ibikoresho bikoreshwa mu kw’ubaka:amabati amatafari,n’ibindi…

Abanyagihugu baba muri ico gisagara basaba reta kwiga ico kibazo c’iduzwa ry’ibiciro vy’amazu hamwe no kwiga ku bijanye n’abaranzi kuko nabo bari mu bituma amazu aduzwa ibiciro.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE