Ibikoresho abantu bakunze gukoresha mu kwisa canke muku bisiga aba client babo arivyo make-up bahora bibuka kubi girira isuku, harimwo uturoso,eponji,amavuta yo kumunwa ,mbega hoho uribuka nigihe uheruka uherukira kugura ivyo bikoresho
Mubushakashatsi buherutse gukorwa muri kaminuza ya London Metropolitan University mu gihugu cu bwongereza ,abo bashakashatsi bapimye ibikoresho bitandukanye vyo kwisiga cane cane bikunda gukoresha abigeme n’abakenyenzi aho hari na bahungu basigaye bavyisiga hakaba harimwo mascara,fond deteint , lipsticks, eyeliners,uburoso n’udu ponje dukoreshwa mu kwisiga.
Bacteries nyinshi zari zuzuye muri ivyo bikoresho cane cane tilon”Crayons”ikindi babonyemwo cari gitege amakenga ni akanyabuzima gasanzwe kaba mu rukoba ariko gashobora gutera ingwara iyo kinjiye mu mubiri biciye mu dukomere duto duto”Staphylococcus”.
Mu bindi bikoresho abo bashakashatsi babonyemwo izo microbe ya candida ishobora gutera ingwara zo mu kanwa canke mumyanya y’ibanga.
Ubundi bushaka shatsi bwakozwe muri Aston University bwerekana ko hagati ya 79%na90% vy’ibikoresho vyapimwe vyari birimwo ubunyabuzima butandukanye kuva kuri bacteria zisanzwe kugera kuri E.Coli”Escherichia coli”.
Ubu shakashatsi bwakozwe n’izo kaminuza bwerekanye ko ibikoresho harimwo amazi nka mascara na fond deteint y’amazi,hamwe n’uduponje n’uburoso arivyo bikunze kubika microbe kurusha ibindi.
Dr Botey Salo agirira inama abakoresha ivyo bikoresho kugirango birinde ntibazokwandure izo ngwara cane cane mu gukaraba mu minwe imbere yo kuvyisiga.
Ntukisige ukoresheje ibikoresho bikoreshwa na benshi aho benshi bakunze kwita kwa makup artist ugiye kumurabo kugira agusige mu gihe ufise urubanza nkugwa marriage,diplome,Et civil eka nizindi maza zigiye zitandukanye,yaheza akagusigisha ibikoresho vyiwe utazi uko abo amaze kubisigisha kungene bangana canke utazi ko baba basanzwe bafise ingwara zo kurukoba kandi utazi kwana hora anabigirira isuku mu mazi amashushe uko bikwiye,
Fon deteint, mascara na eyeliners ni bibi cane iyo ubihuye namazi.
Dukwiye kugirira isuku ibikoresha dukoresha mu kwisiga ku mibiri yacu kugira ngo twirinde ingwara zitandukanye canke twirinde no gukoresha ibikoresho vya koreshejwe anabandi bantu mu kwirinda ingwara zifatira kurukoba no kwisuku rike.
























