CoopérationhomepageInternationaleJusticeKirundisécurité

Ikibazo ca Venezuela kibandanya guteza icuka kibi mu migenderanire mpuzamakungu

Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro yararengutse kuri uyu wa 6 Nzero 2025, imbere ya sentare muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku ncuro ya mbere kuva afashwe nk’imbohe. Mu gisagara ca New York, ni ho yireguye ku vyaha yagirizwa na Reta ya Amerika canecane ibijanye no kudandaza ibiyayutamutwe, Maduro avuga ko atavyemera, yagumye kandi ashimangira ati :”Ndacari Prezida wa Venezuela.” Ni urubanza rwabaye ata masanamu yemewe gufatwa. Abamenyeshamakuru bakaba bakoresheje gucapa mu kugenekereza uko ibintu vyari vyifashe.
Umutambukanyi wiwe, Cilia Flores, na we nyene yireguye ku vyaha yagirizwa mu rubanza rumwe, avuga ko ata co yemera muri ivyo vyose. Inama Nkuru ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi (UN Security Council) yarateranye mu nama idasanzwe, igamije kwiga ku gikorwa ca Amerika co gufata Maduro no kumujana ku nguvu hanze y’igihugu ciwe. Intumwa ya Venezuela muri ONU, Samuel Moncada, yavuze ko ivyabaye ari agahomerabunwa, avuga ko ari ibintu binyuranye n’amategeko mpuzamakungu.
Intumwa ya Amerika muri ONU, Mike Waltz, yabwiye abari muri iyo nama ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zitariko zirwana na Venezuela, ashimangira ko ifatwa rya Maduro ryakozwe mu buryo bwemewe n’amategeko, anagiriza Maduro guhungabanya akarere no guhohotera abanyagihugu ba Venezuela.
Umuhungu wa Nicolas Maduro, ku musi w’ejo, yarashikirije ijambo ryiwe Inama Nshingamateka ya Venezuela, aho yatangaje ko ashigikiye Prezida w’imfatakibanza Delcy Rodriguez, ahamagarira amakungu gufata ico kibazo mu minwe.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Keir Starmer, yavuze ko ari kuri Reta Zunze Ubumwe za Amerika gusigura no kwerekana ishingiro ry’ifatwa rya Maduro, ashimangira ko amategeko mpuzamakungu ategerezwa kuba yo shingiro, anongerako ko ikibazo ca Venezuela kidafise inyishu yoroshe.
Ikibazo ca Venezuela kibandanya guteza icuka kibi mu migenderanire mpuzamakungu, mu gihe isi iguma ikurikiranira hafi uko ibintu biriko bibandanya bigenda nk’uko tubikesha ikinyamakuru Aljazeera.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE