Hari neza na neza mu masaha y’imbere y’umutaga wo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 10 Kigarama 2025, aho hatangura kuvugwa ko hari ikiziga cari mu buruhukiro bw’ibitaro Roi Khaled mu gisagara ca Bujumbura cabuzwe. Igihe twahashika nk’isaha zitanu haboneka uturwi turwi tw’abantu batanu canke batandatu bose bajumarariwe batari bubone ico bakora.
Tubajije bamwe muribo icabaye, batubwiye ko bari baje muvyo gushingura uwabo, umwana yarakivuka yapfuye mu mpera z’indwi iheze ariko babuze ahari habitswe umubiri wiwe kuri ivyo bitaro Roi khaled. Nk’isaha 6 niho twabona umurwi w’abapolisi bagera kuri 6 bazanye abantu bagera kuri batatu bakorera kuri ivyo bitaro. Uwo mwanya nyene hasohotse mu muduga mu yari ihagaze aho umukenyezi biboneka ko ashavuye,avuga ati:”Ni bampe basi n’igihimba na kimwe c’imfura yanje ndagishingurane iteka”, aca araturikisha ararira.
Uwo mukenyezi twahavuye tumenya ko ari Aline Ndayikeza nyene kubura ikibondo c’imfura ,aba muri zone Kinama mu buraruko bw’umurwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura. Haruhande aho, umunega wiwe bubakanye Joel Nduwayezu yari yajumarariwe nta jambo yashimye gushikiriza. Bamwe mu ncuti z’uwo mudyango wabuze uwabo utako unabura ikiziga bavuga ko ivyo bintu bibaje batanabitahura. Abo badyango biketse ko ikiziga c’uwabo coba cibwe kugira kijanwe mu bintazi.
Muri ico gihe haba ivyo, hari abanyagihugu bandi bari bahari, bajumamarariwe badatahura ingene ibitaro vya Reta nka Roi Khaled bishobora gusamara ku buryo ikiziga c’umuntu cibwa, bagasaba ko ukuri kwomenyekana kuri ivyo bintu.
Twagerageje kubaza bamwe mu bakorera ku bitaro Roi Khaled ntibashimye kugira ico batubwiye.
Mugihe igipolisi catwara abantu batatu bakorera kuri ivyo bitaro cavuze ko kigiye gukora amatohoza kugira ukuri kumenyekane.
Si irya mbere ibitaro Roi khaled biri mu gisagara ca Bujumbura bivuzwe ko bifata ibintu minenerwe, ubuheruka ku wa 28 ukwezi kwa 10 uwu mwaka hakaba havuzwe abakenyezi babiri bakabiwe abana bikaba vyamenyekanye mu gihe umudyango wagire uje gushingura wasanze utahawe koko umwana w’abo.

























