homepageKirundisécurité

Impunzi z’abanyekongo zashikiye mu mihana canke zashitse zipanga zigiye kwimurwa

Nk’uko biri mw’itangazo Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo umutekano Léonidas Ndaruzaniye yasohoye kuri uyu wa 17 Kigarama 2025, impunzi z’abanyekongo zashikiye mu mihana y’incuti n’abagenzi canke zashitse zipanga amazu zigiye kwimurwa.

Umushikiranganji Ndaruzaniye avuga ko Uburundi bugiye gutanguza igikorwa co gushira impunzi z’abanyekongo mu bibanza vyazigenewe. Abo barabwa n’iryo tangazo ni abashikiye mu ngo z’abantu canke abashitse bapanga inzu mu gisagara ca Bujumbura no mu zindi ntara. Bazoca bajanwa mu bigo vya Gatumba, Vugizo, Kansega na Cishemere muri Bujumbura hamwe na Magara na Makombe mu ntara ya Burunga.

Reta y’Uburundi ngo izoca itegura ukuntu yobimurira mu bibanza biri kure y’igihugu ca Congo bahunze nk’uko amategeko mpuzamakungu agenga impunzi abivuga.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE