homepageKirundiSport

Intamba mu rugamba zigiye gukinira inkino za gicuti i Bujumbura ku kibuga citiriwe Intwari

Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba ugiye gukina inkino 2 za gicuti n’imigwi nserukira gihugu ibiri gushika muri kano kanya itaramenyekana. Atagihindutse izo nkino zishobora kubera i Bujumbura ku kibuga citiriwe Intwari kuva kw’igenekerezo ya 10 gushika kurya 18 Munyonyo 2025.

Rizoba ribaye irya mbere Uburundi bukina inkino 2 za gicuti ku kibuga citiriwe Intwari. Gushika muri kano kanya ntiharamenyekana ibihugu vyoba vyemeye gukina izo nkino za gicuti n’Uburundi.

Bitegekanijwe ko umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Patrick Sangwa Mayani ashira ahabona urutonde rw’abakinyi azokoresha mu kwezi kwa Munyonyo 2025.

Mwomenya ko intamba mu rugamba urukino rwa mbere ziheruka gukinira ku kibuga citiriwe Intwari zatsinzwe n’igihugu ca Kenya igitsindo 1-0. Rukaba rwari urukino rwo kurondera itike yo kwitabira igikombe c’isi c’umwaka wa 2026 kizobera mu bihugu vya America , Canada hamwe na Mexique.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE