EntertainmenthomepageKirundiSport

Intamba z’abatarenza imyaka 20 zaronse umumenyereza mushasha

Belyse Nininahazwe niwe agiye kuba umumenyereza mukuru w’umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20. Uwo mumenyereza asanzwe afise urupapuro rw’umutsindo Licence B mu vyo kumenyereza yaciye mu migwi itandukanye harimwo n’umugwi AS Inter Star ikina mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa rya Primus Ligue Burundi.

Belyse Nininahazwe yaramenyereje kandi umugwi La Colombe, umugwi w’abigeme ukina mw’ihiganwa rya Lumitel women’s Ligue mu cicaro ca mbere mu Burundi.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB ryagenye n’abo bagiye gufashanya mu gutegura uwo mugwi. Icegera ciwe ni Vivier Bahati yahora amenyereza umugwi Messager Ngozi. Abamenyereza bagiye gufasha abanyegori ni Muhimpundu Inès hamwe Amidou Hassan ubu asanzwe amenyereza abanyegori mu mugwi Bumamuru mu gihe uwujejwe ibikoresho vy’umugwi ari Adidja Joselyne. Abaganga ni Annick Munezero hamwe na Muco Flora.

Umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba w’abigeme batarenza imyaka 20 ukaba ufise inkino zibiri mu kwezi kw’icenda hagati y’amagenekerezo ya 19 na 21 hamwe na 26 na 29 muri uno mwaka wa 2025 n’umugwi nserukira gihugu wa Zambiya mu ntumbero yo kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino za nyuma z’igikombe c’isi mu batarenza imyaka 20.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE