Umunyeporitike Léonce Ngendakumana abona ko kugira u Burundi bushike kw’iterambere aruko abarundi ubwabo boreka kwikwegerako,maze abatowe bakamenya ko batowe n’abanyagihugu kandi bafise ico babitezeko;bakiga gukunda ibikorwa maze bakarya ivyo babiriye akuya.
Uyo mwitwarariko wa Léonce Ngendakumana yahoze arongoye umugambwe Frodebu arongera aranarongora n’Inama nshingamateka, yawushikirije mu kiganiro categuwe n’ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo co kuri uyu wa kane igenekerezo rya 14 Munyonyo 2024,ikiganiro cari gihagaze ku cigwa c’uburongozi bwiza bwoshikana Uburundi kw’iterambere.
Léonce Ngendakumana yerekana ko mugihe Uburundi bufise imbona kazoza y’igihugu cifashe mu mwaka wa 2040 n’igihugu giteye imbere mu mwaka wa 2060,amatora yimirije kuba mu gihugu mu mwaka wa 2025 hamwe no muri 2027 abwirizwa gutegurwa neza,kuko bitagenze uko nayazoba asigaye yose inyuma yiyo myaka azoca agenda nabi gutyo iyo mbona kazoza ya 2040-2060 ntibe igishitsweko.
Agira ati:”Intwaro ibereye ishikana kwiterambere yononekaye kubera ihindagurika ry’ibwirizwa nshingiro maze bituma inzego zigoyagoya,ku bwivyo hogwizwa inyigisho ku cerekeye intwaro ibereye abantu bagaterera ivyiyumviro”.
Abari muri ico kiganiro babona kandi ko intwaro ibereye ishikana kw’iterambere izoshoboka mu gihe ubushikiranganji bw’indero bufashe iya mbere mu gutegura urwaruka maze abahejeje amashure bakaronswa ubuzi hisunzwe ubumenyi n’ubushobozi bafise mu guterera mw’iterambere ry’igihugu.
Umwigisha wa kaminuza Desiré Louis Nizigiyimana avuga ati:”birashoboka ko habaho intwaro ibereye ishikana kw’iterambere mu gihe habayeho kumenya aho tuva naho dushaka gushika, abarongozi bakaronswa inyigisho”.
Uyo mwigisha aremeza ko ivyo vyose rero bizoshoboka mu gihe habaye gutsimbataza demokarasi ifatiye kw’ihangiro,abarongoye igihugu bakava mu kwiyorobeka, abanyamigambwe nabo bakamenya ko bafise uruhara mu guteza imbere igihugu.