Kurubibe rwa Gatumba rugabura RD.Congo n’Uburundi abahakorera imirimo itandukanye basubiye kimirimo, inyuma yaho kuri uyu wa 23 Ruhuhuma urubibe rwa Gatumba rwuguruwe inyuma y’amezi arenga abiri rwugawe. Abanyaguhugu b’ibihugu vyompi ,ndetse n’abategetsi b’intara ya Kivu y’ubumaunuko barashima ko urwo rubibe rwuguwe. Intambara hagati ya AFC\M23 na FARDC muri Kigarama 2025 muri RDC zatumye uburundi bwugara urwo rubibe kumvo z’umutekano.
Abishimiye iyugurwa ry’urwo rubibe ni nk’abakenyezi bakorera ubucuruzi bwibifungurwa bitetse kwibarabara, hafi yurwo rubibe. Umwe mubakenyezi bakora ako kazi, avuga ko mukiringo giheze urwo rubibe rwugaue, ubuzima butari bworoshe mumuryango
”Nari ngwaye agahinda kari kanyishe. Aabana ntibasiba kurwara kubera ntariko ndakora kubera uupaka wari wugaye…aha niho ndonderera. Nukuri turashimiye Imana”. Niko umukenyezi umwe mubahakorera , ateka ivyo kurya bitandukanye hafi y’urwo rubibe yigana.
Abandi bishimiye iyugururwa ry’urwo rubibe, ni abikorera imizigo y’ingenzi ubu nabo bavuga ko basubiye kuronka ico bakora
”Kuva ejo umupaka wuguruwe, narashoboye gutahana amafranga atari make, ndatahana akarasiyo (ration) k’abana”, niko Ndayiragije Lionnel yigana.
Uretse abakorera ubucuruzi butandukanye kuri urwo rubibe bashima, ni kandi numunezero kungenzi zabakongomani baca kuri uyo mupaka. Masembe Mupima, ni umwe murabo:
”Umurwa mukuru Bujumbura ni uwacu co kimwe na Uvira. Twari tubabajwe cane n’iyugarwa ry’umupaka”, niko Masembe asigiura.
Kurundi ruhande, uwundi munyaghugu ava muri RD. Congo nawe nyene yemeza ko iyugurwa ry’urubuibe rwa Gatumba, ari umunezero kubaca aha mu Gatumba
” Numva mpimbawe, kubera ko ibihugu bibiri canke abantu babiri, bamaze kuba kumwe, bagahuza, ni ngombwa ko bakorera hamwe kumbibe. Ubu rero ko urubube hagati ya Congo n’Uburundi rwuguruwe ni vyiza. Twebwe abanyagihugu tubwirizwa kunezerwa”
” Hari ubuzi bwinshi bwapfuye iguhe urubibe rwari rwugaye. Ico gusaba ni uki abarongozi b’ibihugu vyacu batokwugara imbibe kubera ko ubuzima bwa twebwe abanyagihugu batobato buca buhungabana”, niko uwo mukongomani avuga.
N’abacisha ibidandazwa vyabo aho kurubibe rwa gatumba bashima ko urwo rubibe rwasubiye kwugururwa, gutyo bakabona ko imigenderanire hagati y’Uburundi na RD Congo yobandanya iba myiza. Esperenece Nsabimbona , umurundikazi aba mugisagara ca Bujumbura, ni umukeneyezi acururiza ivyombo vyo munzu harimwo ama base (bassins) , nawe aremeza ko kuva urubibe rwugawe vyamuteye uruhombo
”Kuva ibi bibaye, vyatugora kuriha inzu. Ariko kubona umupaka wuguruwe , turavyishimiye cane”.
Mu gitondo co kuri uyu wa 24 Ruhuhuma, umukuru w’intara ya Kivu y’Eepfo Jean Jacques Purusi, yemeje ko iyugururwa ry’urwo rubibe riri muvyo abategetsi b’Uburundi na Congo biyemeje kugira imigenderanire n’umutekano ,ariko kandi uguhanahana ibidandazwa hagati y’abanyagihugu b’ibi bihugu bitsimbatazwe.
Ni mugihe hafi yurwo rubibe yahakiriye intumwa za MONUSCO n’iza CIRGL ziri mu gisagara ca Uvira c’intara ya Kivu Y’Epfo kuva kuri uyu wakabiri gukurikirana ishirwa mungiro ry’amasezerano yo guhagarika intamabra aho muri congo, mubiganoro bihagarariwe n’igihugu ca Quatar
”Ivyo biri muvyo abakuru b’ibihugu , umukuru w’igihugu c’Uburundi Ndayishimiye n’uwa RD Congo Tchisekedi biyemeje. Baravuze ko biyemeje kugarukana amahoro n’ituze , imigenderanire no gufashanya mukarere bitsimbatare, kworosha no guhanahana ibidandazwa bigakorwa.Uyu musi rero twishimye ko uyu mupaka twawuguruye Kuri uyu wambere, kandi ko ibihumbi vy’abakongomani n’abarundi binjira mu bihugu vyompi, abakongomani bakaja muburundi, nayo abarundi bakaza iwacu”, niko buramatari Purusi asigura.
Urubibe rwa Gtaumba rwari rwugawe n’Uburundi muri Kigarama 2025, kubera intamabara z’urutavanako hagati y’umuhari M23 na Reta ya Congo . Izo ntambara zatumye uwo muhari ufata igisagara ca Uvira, n’ibihumbi vy’abakongomani guhungira mu Burundi.
Uburundi bwahavuye bwugara urwo rubibe ”kumvo zumutekano”, nk’uko ico vyashikirijwe n’abategetsi b’Uburundi
Muri Nzero 2026, umunyamabanaga mukurur w’umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD Révérien Ndikuriyo, yashimangiye iyo ngingo.
Yatangaje ko urwo rubibe rubwirizwa kururirwa rimwe n’imbibe Uburundi buhana n’Urwanda, kuko imvo zatumye zugarwa ari zimwe : ugucunga umutekano w’igihugu.
Nayo kuri uyu wa 23 Ruhuhuma nyene, amasoko muri Reta y’Uburundi yavuze ko urubibe rwa Gatumba rwari kwugururirwa rimwe n’izindi mbibe z’igihugu zicugaye nko mugice c’uburaruko aharabana n’Urwanda, ibikorwa vyoba vyari bitegekanijwe kuwa 25 Ruhuhuma 2026 nkuko ayo masoko yabimenyesheje, ariko atansiguro z’icatumye ibintu bihinduka atanze.
























