Mu mezi atatu aheze, Polisi yo mu gisagara ca Londres (Metropolitan Police) yatanguye gusubira kwihweza ivyagiriji vy’urudandaza rw’ abantu mu buryo bunyuranye bijanye n’ivyaha vy’umunyamitahe rurangiranwa Jeffrey Epstein, ariko amakuru mashasha yerekana ko ibimenyetso bimwe bimwe vyamaze kwononekara.
Abajejwe iperereza bariko barasuzuma nimba abakobwa n’abagore bashobora kuba barashikanywe mu Bwongereza biciye ku ndege za Epstein, inzira zica ku masanganzira y’indege y’abasivile hamwe n’ibirindiro vya gisirikare vya RAF harimwo RAF Northolt i Ruislip, mu burengero bwa Londres. Ibi birindiro vyari bikomeye cane mu ntambara y’Ubwongereza (Battle of Britain).
The Times yamenyesheje ko ingendo zimwe zimaze imyaka irenga ibiri ziba, ariko amadosiye y’ ingenzi zafashe izo ndege ku birindiro vya RAF aca ahishwa inyuma y’amezi atatu gusa. Amakuru y’indege (air traffic control sheets) yo abandanya kuguma ahagaragara gushika ku myaka ibiri, mu gihe amashirahamwe y’indege zisanzwe y’Ubwongereza ahisha amadosiye y’ ingenzi hagati y’imyaka 6 na 7.
Ibi vyerekana ko bishobora kuzotuma bigorana kumenya neza abari mu ndege hamwe n’igihe izo ngendo zabereye.
Uwahoze ari Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Gordon Brown, yandikiye inzego zitandatu z’ igiporisi harimwo na Met Police, abasaba kuraba neza nimba Andrew Mountbatten-Windsor, yahoze ari Umuganwa, yakoresheje indege za Reta n’ibibuga vya RAF mu ngendo zishobora kuba zifitaniye isano na Epstein.
Brown avuga ko vyerekana neza ko ibikorwa vy’iperereza vya mbere bitigeze bisuzuma neza ibimenyetso vy’ingendo z’indege. Avuga ko hariho n’ingendo zigera kuri 90 zerekanwa n’amadosiye ya Amerika zerekana ukwinjira n’ukuvayo kwa Epstein mu Bwongereza n’abakobwa bavuga ko barungitsweyo.
Scotland Yard iriko irarondera amadosiye y’ingendo z’indege za Epstein yinjira mu Bwongereza. Amabaruwa yagiye hanze muri dosiye za Epstein yerekana ko FBI yoba yarabonye ko Met Police yasavye amakuru mu kwezi kwa Kigarama 2025 ku bijanye n’ingendo zinjira mu Bwongereza.
Bimwe mu bimenyeshamakuru vyerekana ko muri 2013, indege ya Epstein yavuye i Paris igashika ku kibuga ca RAF Northolt ku wa 18 Ntwarante, maze igasubira i New Jersey ku musi ukurikira.
Andrew Mountbatten-Windsor aheruka gufatirwa mu ntara ya Norfolk ku vyagiriji vy’ amakosa yo mu kazi ko mu biro vy’igihugu, harimwo gukwiragiza amakuru akomeye ya reta kuri Epstein igihe yari intumwa y’Ubwongereza mu vy’ubudandaji. Yabajijwe amasaha 11 ku musi w’ivuka ryiwe rya 66.
Igiporisi ca Thames Valley kiriko kirakurikiranira hafi ivyo vyagiriji hamwe n’ibindi vyerekeye ukwo umuhungu w’umwami ashobora kuba yarahaye amakuru ya reta Epstein.
Iyi dosiye irabandanya gufata uburemere mu Bwongereza no mu makungu kubera ubwinshi bw’ibimenyetso bishobora kuba vyaratakaye, ingendo zidasobanutse neza, n’uko amazina y’abantu bakomeye abandanya kuvugwamwo. Abahinga mu vy’amategeko bavuga ko bizotwara igihe kinini kugira amadosiye yose asuzumwe, ariko bavuga ko amaperereza yakozwe ubu afise intumbero yo gushika ku kuri kwose kwashobora kwahishijwe.
























