Abanyeshure bahejeje mu gice ca mbere ca kaminuza bita ”baccalauréat” mu gisata ca poritike bipfuza kubandanya mu gice kigira kabira bita ”master” barasaba abajejwe indero kubatunganiriza kugira ivyigwa binyaruke nko mu bindi bisata.
Mu gisata c’ivyigwa vya poritike n’amategeko ( sciences politique et juridique), mw’ishami ry’ivyigwa vya poritike (science politique), muri kaminuza y’Uburundi mu kigo co ku Mutanga, abanyeshure bamenyesha ko bahura n’ikibazo c’ikena ry’abigisha imwe mu mvo ituma umwaka wabo wikwega. Ivyo navyo ku bwabo bigatuma kubaho bigorana kuko n’agafashanyo baronswa bakiri ku ntebe y’ishure baba batakikaronswa.
Kubw’abo babona ko babohewe amaboko i mugongo kuko uretse ikena ry’abigisha bavuga ko bahura n’ibibazo vy’ibura ry’impapuro zibaha uburenganzira bwo kuja gukora ikibazo kibaha uburenganzira bwo kwinjira mw’ico gice kigira kabiri ca kaminuza. Ivyo biri uko mugihe abanyeshure bo mw’ishami ry’ivyigwa vy’amatego muri ico gisata bo bamenyesha ko ivyigwa biriko bigenda neza.
Abo banyeshure bamenyesha ko bandikiye ababijejwe ariko ko ata nyishu itomoye bashoboye kuronka bagasaba ko bobatunganiriza bakaronka izo mpapuro maze baronke ubwo burenganzira bwo kubandanya ivyigwa.
Ivyo biremezwa na Simon Bazirutwabo aserukira abanyeshure agira ati : «Ico kibazo co muri ”science politique” kirakunda kwibonekeza. Nibaza ko kiva ku bukene bw’abigisha kuko usanga baja muma ”missions” kenshi».
Kukijanye n’impapuro zidakunze kuboneka vyoroshe avuga ati: «Impapuro z’ico gisata zirakunda kugorana mugabo twarabahimirije kugira turabe ko ico kibazo cohera twaravuganye na ”vice recteur”, ntahandi tuzi ico kibazo. Ahandi ivyigwa bigenda neza , sinzi ico bivako mugabo hari aho usanga amanota yaratevye kuja muri ”système”».