EntertainmentKirundiSociété

Kanyosha: Haribonekeza imyanda hafi y’amazu no mu bibanza bitandukanye

Bamwe mu banyagihugu bo muri amwe muma quartier yo muri commune Muha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura baridoga ko hari ubucafu mu bibanza bitandukanye muri ayo ma karitiye,batanga akarorero muri quartier Gisyo ya zone Kanyosha aho hari ikimanga gisukwamwo ubucafu buva mu mazu ari hepfo y’ibarabara rya 5

Ikibanza kiri nko ku metero zababa ijana hafi yishure ryisumbuye (Lycée De la Convivialité)ico kibanza kandi gitabwamwo ubwo bucafu gisa n’igifatanye n’umusigiti, kuko ata metero zitanu zigitandukanya nawo, ushitse kandi muri ico kibanza wakigwa n’akamoto kabi aho usanga abanyagihugu bagwiriyemwo abakenyezi hamwe n’abana baharonderera amakara n’ibindi bikoresho bizanana n’ubwo bucafu.

 

Bamwe muri abo banyagihugu banegura ko ubwo bucafu butabwa ahegereye imihana yabantu,ivyo bigatuma badatahura igituma kandi hari amashirahamwe yari agenewe kubwegeranya abakura mu mihana y’abantu ubu atagitora.

Iyarara ntiryari rikwiye kubana n’abantu kuko rifise aho ryagenewe kuko abari batwemereye amamodoka yokuza kubitora ntiyabaye akiboneka.

Umwe mubasanzwe basengera kuri uyo musigiti wegereye ico kibanza ,nawe anegura kubona ubwo bucafu butabwa aho bikazotuma bahandurira ingwara zifatiye kw’isuku rike.

Abo banyagihugu basaba inzego zibijejwe kubakingira ingorane zoturuka kuri ubwo bucafu ,bagasaba Leta kubakingira batarandura ingwara.

Bamwe mu bajejwe intwaro ku rwego rwo hasi baremeza ko ubwo bucafu busukwa muri ico kibanza buteye ingorane, abanyagihugu bo bavuga ko ico kibazo ubwabo kibarengeye ariko kizwi ninzego zibakurira .

Umwe mubatwara inzu 10 aho muri quartier Gisyo avuga ko higeze gushirwaho umugambi wo gukura ubwo bucafu muri iyo mihana ariko ko batazi icatumye uyo mugambi uhagarara ,inyuma y’ukwezi kumwe gusa utanguye gushirwa mungiro .

Abo batware bemeza kandi ko mu mwaka wa 2023 higeze gutangazwa umugambi wo kuzibira ico kimanga ariko batazi iyo wahereye.

Ico kibazo c’ubucafu budatorwa uko bitegerezwa muma karitiye atandukanye mu gisagara ca Bujumbura kimaze igihe cibonekeza,muri ino myaka hamwe cagiye kiratumwa n’ikena ry’ibitoro ryatumye amashirahamwe ajejwe gukura ubwo bucafu mu mihana asa n’ayadakora neza ico gikorwa gushika Ubu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE