Bamwe mu barimyi b’icayi bo muri komine Muruta intara ya Kayanza bavuga ko haheze amezi yababa 4 batararonswa amafaranga yabo ariko muri abo hari abashima kugurisha icayi ku bandi babarusha uburyo kugira babe barikenura. Basaba ko boronswa amafaranga yabo bari basanzwe baronswa uko amezi abiri aheze.
Abo barimyi b’icayi bagashikiriza ko amezi agiye kuba ane atamafaranga y’umwibu w’amababi y’icayi bashoye mu gihe bahora bayaronswa inyuma y’amezi abiri. Iyo ifishi bashorerako zimaze kwuzura, kubera amikoro make baca bahitamwo kugurisha amababi y’icayi kuri bamwe bifise kugira ngo bikenure muvyo baba bakeneye.
Bakidoga ko n’abo babagurira ico cayi mu gihe baba batevye guhembwa aribo baheza bagahembwa amafaranga menshi (amajana atatu na mirongo itanu ku kilo), abarimyi nabo baba baguriwe make (amajana abiri na mirongo itanu ku kilo). Bidoga kandi ko muri ico gihe, abo baba barabaguriye umwimbu aribo baheza bagahabwa agashirukabute gatangwa ku barimyi buri mwaka kandi ataribo baba bararimye ico cayi ngo bumve ukuntu bibirisha akuya.
Bagasaba ababijejwe kwama bubahiriza ikiringo mu kubaha amafaranga yabo kuko uko kubatevya kubatera umwikomo na rirya ayo mafaranga basanzwe baronka ku kilo abamarira.
Umuyobozi arongoye komine ya Muruta arahumuriza abo barimyi avuga ko kuvyo avugana n’abarongoye ikigo OTB kuvyo gutunganya agashimwe ku barimyi baheruka kuronswa arivyo vyatebeje kubahemba ku gihe agahamagarira abo barimyi kurindira bihanganye kandi bakabandanya bafata neza ico giterwa c’icayi kuko ivyo basaba ihiguriro OTB ririko rirabitunganya, kandi ngo mu misi iri imbere Reta irashobora kongereza igiciro ku mababi y’icayi.