Abadandaza bashikiriza ko hari zimwe mu ngingo z’umutekano zafashwe n’ubuyobozi bw’intara ziriko ziratuma bahomba. Mu buyobozi bw’intara basigura ko bwafashe izo ngingo mu ntumbero yo gukingira ubutunzi bw’imiryango y’abanyagihugu.
Kuva kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma uyu mwaka ubuyobozi bw’intara ya Kirundo bwarashizeho amasaha ntarengwa amazu y’idandarizo atagerezwa kuba yugaye. Iyo ngingo ntifata abadandaza gusa ahubwo irashika no kubasanzwe bakora akazi ko kwunguruza abantu bakoresheje amapikipiki aho bobo hari n’aho bahora bafatwa kandi batakiriko barakora nko mu gihe baba batashe iwabo. Abo bose baraheza bakarihishwa amafaranga ari hagati y’ibihumbi 5 n’ibihumbi 20, mbere hari n’aho ayo mahadabu atozwa atacemeza cerekana ko umuntu yamaze guhanwa, ibizwi nk’igitansi (quittance).
Abo bakorera imirimo itandukanye ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo bashikiriza ko badatahura impamvu izo ngingo zagiyeho kandi hamaze imisi ata kibazo c’umutekano bahabona. Abo banyakirundo bagasaba ko iyo ngingo ishinga amasaha ntarengwa y’ijoro ku bakora imirimo itandukanye ko yosubirwamwo ikigwa gushasha kugira abakora amasaha y’ijoro ntibabandanye kuhahombera.
Eric Nduwayezu, umuyobozi mwishikira mu biro vya Buramatari wa Kirundo asigura ko iyo ngingo itafashwe ku mvo z’umutekano ahubwo ko yafashwe kugira ico gice gikunze kwibonekezamwo uruzuba abaho ntibabandanye kujana uburyo bw’imiryango mu bunywero. Uwo mutware akemeza ko atawubuzwa gutembera amasaha y’ijoro mu gihe afise impamvu yumvikana ibimutuma. Ahamagarira abafise ingorane kubera iyo ngingo kwitura uburongozi bw’iyo ntara kugira bigire hamwe icokorwa.
Yamara n’aho uwo muyobozi yashikirije ko iyo ngingo atari iyijanye n’umutekano, mw’itangazo ryateweko umukono na Buramatari wa Kirundo ku was 25 ruhuhuma uyu mwaka, harimwo ingingo itegeka urugo rwose gutunga ikaye y’umuryango itegerezwa kuba yanditsemwo imyidondoro y’abantu basanzwe baba muri urwo rugo, mbere urwo rwandiko rugahamagarira abajejwe intwaro hamwe n’igipolisi gusuzuma ko izo ngingo ziriko zirubahirizwa.