EntertainmenthomepageKirundiMusic

Ku bwiwe ngo ntakindi bariko barapfa atari “ubukene”

Umuririmvyi Paci wo muri Etoile du centre avuga ko abaririmvyi Vichou Love na Kidum bariko barapfa ata fatiro gifise kuko ico bose barondera ari amafaranga. Abahanura kureka izo mpari kuko zohava zituma umuziki ndundi udasubira kwakirwa neza bamenye kandi ko bafise benshi bari nyuma yabo babarabirako mu muziki.

Uwo muririmvyi w’umurundi ashikiriza ko amatwi amusumira bavuga ko hoba hariho umwe muribo yashatse kwica uyundi.

Paci agira ati :”bose ndabaravye mbona ko ata nguvu bafise zo kwicana ariko nuko hageze ko bose bosenyera k’umugonzi umwe kuko ubu tugeze mw’iterambere ryo kuduza umuziki ndundi mu bindi bihugu na rirya n’abaririmvyi basigaye baja gukora umuziki mu mahanga. Ivyo rero vyo gusubiza inyuma ibikorwa bobiheba kuko nta nyugu birimwo”.

Nzitonda Pacifique azwi nka Paci Etoile du centre amenyesha ko yaba umuririmvyi Vichou Love ndetse na mugenziwe Kidumu Kibido bose bazi ico arico umuziki, rero ivyo vy’amajambo nta musi n’umwe bizokwigera biduza umuziki canke ngo bibazanire inyungu kuko ico bomenya n’uko bishobora kubagabanyiriza umwizero w’abantu bari babazi neza bagatangura kubafata nk’abaririmvyi bagitangura umuziki. Ico bomenya rero ngo n’uko ivyo bariko bakora biriko bizosiga iragi ritari ryiza kandi bikabadanya birashobora no kwica umuziki kuko bose bafise abantu benshi bari inyuma yabo kandi babakurikirana. Abahanura kuja hamwe bakavugana kuko bose ni abagabo bishobotse bagakorana n’igikorwa bari kumwe bimwe bakunze kwita “Callabo”.

Paci ahamagarira abakunzi b’umuziki kubandanya bakunda ivyabo no gushigikira abaririmvyi babo kugira ngo ibikorwa vy’abaririmvyi bibandanye bitera imbere kandi tugiye hamwe twese turashoboye. Yemerera abakunzi biwe ko nawe vuba cane agiye gusohora igikorwa gishasha.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE