DivertissementEntertainmenthomepageKirundiMusic

Kubera iki Tity Love na Koo-K bahagarikiye rimwe umuziki?

Tity Love avuga ko Koo K bahebeye rimwe kuririmba igihe bubakaniye. Ico gihe ngo baciye batangura gukina amareresi. Uwo muririmvyikazi aheruka gusohora indirimbo nshasha yise “Ntahonoja”.

Mu kiganiro indundi hit show co kuwa 31 nzero 2025 gica ku nsamirizi indundi culture, ashikiriza ko yagiye mu nzu ihinyanyura umuziki mu kwezi kwa gatandatu. Mu mwaka uheze niho yakoze indirimbo ya mbere aziko aca ayisohora aca agira ubwoba kuko yibaza ukuntu abantu bazoyakira, akavuga ko yamutwaye umwanya munini kugira ayisohore.

Tity amenyesha ko iyo ndirimbo yayanditse ari m’urukundo. Amenyesha kandi ko afise indirimbo 4 atarasohora ariko muri uyu mwanya ziri mu nzu ihinyanyura umuziki.

Uyo muririmvyikazi agira ati:”Maze imyaka 8 ntakora umuziki kubera imvo z’umuryango ariko ndagarutse kandi uyu mwaka wa 2025 nje gukorana inguvu cane cane nsohore n’amasanamu ,Ikindi kandi ndabona ko umuziki w’Uburundi wateye imbere n’amasanamu asa neza cane”.

Tity Love kuvyerekeye Koo-K ntaco yashimye kuvuga. Avuga kandi ko mu baririmvyi b’abarundikazi Natacha ariwe abona afise ishaka ryinshi mu gukora umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE