Mu gihe haheruka gushingwa reta nshasha igizwe n’abashikiranganji 13 , Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe parcem amenyesha ko leta ya Alain Guillaume Bunyoni hamwe n’iya Gervais Ndirakobuca zose zagiye bimwe mu bibazo vyari bihanze abarundi bicibonekeza.
Kwihagira imitungo y’igihugu, kutubahiriza amategeko hamwe no kudatorera inyishu ibibazo bihanze abanyagihugu ni bimwe mu binegurwa n’ishirahamwe parcem ko vyaranze bamwe mu barongozi batwaye muri izi reta zibiri zimaze gutorwa.
Faustin Ndikumana ati :”reta igiyeho ntibwirizwa kunanirwa kuko niyananirwa n’ikiringo ca mbere c’umukuru w’igihugu kizoba kinaniwe gutorera inyishu ibibazo bihanze abarundi, ibura ry’igitoro, iduga ry’ibiciro kw’isoko, ibura ry’amafaranga mvamakungu,…”. Uwo arongoye parcem abona ko arivyo bibazo vyari bikwiriye gutorerwa inyishu. Nubwo biri uko hari zimwe mu mpanuro atekerera abagiye kwinjira mu mabanga abasaba kuba maso maze bakitwararika ineza y’abanyagihugu bakirinda ingeso yo kurya ibiturire.
Ndikumana yagize ico avuga kuri bamwe mu bitwaza igikenye maze bakerekana ingeso ituma igihugu gihomba amahera cari gukoresha mu bindi bikorwa agatanga akarorero k’amazu reta ikotesheje ku mafaranga menshi nayo abakotesha amazu ya reta bakayakota ku mafaranga y’intica ntikize ivyo abona ko biteza uruhombo ku gihugu. Yasozereye yibutsa abarongoye uburundi gukorana n’ayandi makungu kugira vyorohe ko imigambi imwe imwe ishirwa mu ngiro nko kwubaka amabarabara n’iyindi migambi isaba amafaranga menshi.