Abaririmvyi b’abarundi Lino-g hamwe na Kirikou Akili inyuma y’indwi imwe basohotse igihugu bamaze kugaruka. Hari ku musi wa mbere igenekerezo rya 24 ruhuhuma 2025 aho bashika ku kibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye bavuye mu gihugu ca Dubai guteramisha abakunzi babo n’ababa muri ico gihugu.
Abo baririmvyi bashikiriza ko igiteramo cabaye kuri Victory Club ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 15 ruhuhuma 2025. Ico giteramo cabo ca mbere habaye ikibazo co kutaronka abakizamwo nk’uko bari bavyiteze ariko igiteramo ca kabiri abantu barabitabiriye ivyo barabishima kuko batatamvye birorera.
LINO-G avuga ati : ”Hariya ibintu vyarateye imbere gose naho habaye ikibazo c’igiteramo ca mbere twasazne ikibazo cari ku bantu babitunganije kuko batakimenyekanishije bikwiye”.
Kirikou Akili avuga ko abarundi baba i dubai bafise urukundo aravye ukungene babakiriye arabishima n’ukugene bafashije abari babatumiye mu kumenyekanisha ko bamaze kugera i dubai. Icatumye yifotoza n’umwana w’umukuru w’igihugu aho i dubai nuko ari umwe mu bakunda ibikorwa vyiwe.
Lino G yagiye i dubai akoze indirimbo yise selavi ikaba imaze indwi zibiri iri ku muvuduko udasanzwe ubu imaze gushikana ama views 433 k. Iyo mikangara ishikiriza ko igiye gukora cane muri uno mwaka kandi ko abakunzi babo bobitega ku masanamu menshi bagiye gukora.