Ku mugoroba wo ku wa gatatu igenekerezo rya 17 Kigarama 2025, ku mutumba Butare, zone Kayogoro, komine Makamba, mu ntara ya Burunga, haratowe uruyoya rw’umuhungu rwari ruhambwe mw’ivu rukiri ruzima. Urwo ruyoya rwabonwe n’akana kari karagiye aho hantu, gaca karatabaza.
Urwo ruhinja rwaciye rujanwa kw’ivuriro ryo ng’aho nyene mu Kayogoro inyuma yo kurungikwa ku bitaro bikuru vy’abigenga vya GAU biri aho mu Kayogoro, kubera ko rwari rumerewe nabi cane. N’aho abaganga n’abandi bose bakoze uko bashoboye kugira barokorore ubuzima bw’ico kibondo, vyahavuye birangira citavye Imana hafi igihe c’isaha zibiri z’ijoro. Gushiks ubu, uwakoze ico kibi kibishe ntaramenyekana. Amatohoza aracabandanya kugira ukuri kumenyekane ku wataye ico kibondo.
Abanyagihugu bo ngaho mu Kayogoro basaba ko mu gihe hotorwa umuvyeyi yataye ico kibondo yohanwa hisunzwe amategeko co kimwe n’umugabo bavyaranye ico kibondo kuko ngo nawe nyene ashobora kuba afise uruhara muri ubwo bwicanyi butagira izina.

























