Freema Boy umuririmvyi w’umurundi avuga ko ubukwe bwa Mona Walda bwababaje benshi kandi ngo yarongowe n’umugabo amusumvya imyaka. Abandi ngo ntibaberanye, ariko Boy we arakeza Mona Walda kuvyo yakoze kuko ngo hariho benshi mu muziki vyananiye. Yabishikirije mu kiganiro co kuri yaga tech kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 17 ntwarante 2025.
Uyo muririmvyi ashikiriza ko Mona ari umuririmvyikazi azi kwidandaza mu muziki. Asaba abandi baririmvyi kumykeza kuri iyo ntambwe yaraye ashitseko y’ukwubaka urwiwe.
Agira ati : «Namba Mona Walda yaremeye kurongorwa n’umutama, ivyo bisigura ko amukunda kuko namba yoba yagiye kurongorwa kubera amafaranga s’uko yari abuze ayo mafaranga kuko hariho n’abayamuha. Rero reka dukeze umuririmvyikazi wacu ko yakoze ivyananiye benshi».
Boy ahamagarira abandi baririmvyi nka Lolilo Simba agira ati: «Ni arabe akore ibikorinka kuko imyaka iramujanye kandi vyitwa ko ari umu leadeur mu muziki, yopfuma arabira kuri Big Fizzo ico yakoze,… Sat B narongore kuko amafaranga arayafise kandi uyu mwaka ntumusige ari umu célibataire namba Belle nice bakiri kumwe gushika ubu bisigura ko amukunda…Big Fizzo ndamukeje kuvyo yakoze; mu baririmvyi batigeze bamaramaza umuziki nawe arimwo kuko kugeza n’ubu baracari kumwe n’umufasha wiwe ivyo ni vyiza muri carrière y’umuziki. Ivyo bitanga inyigisho nziza ku gwaruka hamwe nabakunzi biwe».
Freema Boy arakeza abaririmvyi bariko bakora neza muri kino gihe ko batocika intege ariko bo bobandanya urugamba mugushikana kure impano yabo hamwe n’igihugu.