Droits de l'hommehomepageKirundi

Muri Ntabariza basaba abaheruka gutorwa kwambika umutamana ubutungane

Ukugumiza mu mvuto abanyororo kandi barejejwe na sentare canke baragiriwe ikigongwe n’Umukuru w’igihugu ni bimwe muvyo ishirahamwe ryishinze kwitaho agateka k’abanyororo n’imiryango yabo, Ntabariza SPF rinegura rikaboneraho gusaba inzego nshasha ziherutse gutorwa gufata ico kibazo mu vya mbere bagiye kurangura.

Bishikirizwa na Jean Marie Nshimirimana aserukira imbere y’amategeko iryo shirahamwe. Hari mu kiganiro iryo shirahamwe ryatunganyije ku bamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu, igenekerezo rya 3 Nyakanga 2025 i Bujumbura muri Martha Hotel.

Jean Marie Nshimirimana amenyesha ko atumva igituma abo banyororo baba bejejwe ariko bakaguma mu buroko kandi bobaye bidegemvya mu miryango yabo bariko barakora bagateza imbere imiryango yabo n’igihugu. Abona ko Reta iba iriko irahomba cane kuko mu busho baba bagumijwemwo ibandanya ibagaburira.

Atanga akarorero k’abanyororo barenga ijana bagipfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kandi barejejwe yamara abajejwe ico gikorwa co kubarekura bakarekura abatari bagenewe kurekurwa harimwo n’abakoze ivyaha bihambaye, inzirakarengane zikagumayo.

Abona ko aho bigeze icokorwa ubu ari uko inzego zatowe mu nama nshingamateka na nkenguzamateka zohamagara umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika zikamubaza igituma hari abagipfunzwe kandi barejejwe.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye agishikira ubutegetsi, igikorwa co kugirira ikigongwe abanyororo yagihereye mw’ibohero rikuru rya Mpimba, asubira mu mw’ibohero rikuru ryo mu Rutana nayo mu mwaka uheze wa 2024, yagiriye ikigongwe bamwe mu banyororo bapfungiwe mw’ibohero rya Muramvya.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE