Aho twaciye muri amwe muma karitiye ya zone Musaga intara ya Bujumbura mu gitondo co kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 14 Myandagaro 2025, bamwe mu banyagihugu twahasanze bavuga ko ibikorwa vy’imyiyamamazo y’abashaka kuba abajenama bo muri ayo makaritiye babibwiwe kandi bamaze no kuvyitabira. Aha bakanashima uburyo biriko biratunganywa kuko basanga ata mishamirano irimwo.
Abo banyagihugu basigura ko mu gihe giheze imyiyamamazo nk’iyo yarangwamwo ingorane nko kurwana hagati y’urwaruka ushigikiye abitoza ivyo bigatuma harangwa uruhagarara mu kibano.
N’aho bimeze uko abo banyagihugu bayaze na Radio Indundi Culture babona ko no mu gihe kiza imyiyamamazo nk’iyo yorangwamwo iyubaharizwa ry’intwaro rusangi “Démocratie” kuko ariwo mushinge w’iterambere mu gihugu.
Imyiyamamazo y’abajenama bo mu makaritiye no ku mitumba igize igihugu yatanguye kuva kuwa 2 Myandagaro uyu mwaka kw’itegoko ry’umukuru w’igihugu ryo kuwa 31 Mukakaro uyu mwaka ,itegeko ritanga uruhusha rwo kwiyamamaza kumugaragaro kubitoza mumatora yo mu makaritiye no ku mitumba. Ayo matora azoba kuwa 25 Myandagaro umwaka wa 2025 nk’uko bitegekanijwe ku kirangamisi c’amatora cashizwe ahabona n’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora, CENI.