AgricultureEntertainmentKirundi

Mutaho:Imirima y’ibigori irabangamiwe n’udukoko

Hari indwara ibangamiye imirima y’ibigori ku mutumba Bigera,zone Rwasari muri komine Mutaho mu ntara ya Gitega .Abarimyi bashikiriza ko n’imiti yo gupompa itaboneka,ibishobora gutuma umwimbu utaba mwiza,bagasaba ababijejwe kubaronsa iyo miti .

Bamwe mu barimyi bo ku mutumba Bigera , baratewe impunge na tumwe mu dukoko tubangamiye imirima yabo y’ibigori ,bakavuga ko ibintu vyunyuwe n’imvura yari maze ikiringo kitari gito itarwa muri ico gice.

Abo barimyi bashikiriza ko muri kino gihe n’imiti yokuvura iyo ndwara ikenye, bakavuga ko muri kino gihe mu guhangana n’iyo ndwara bahitamwo kubinoba na cane cane ko no mu mwaka wahera iyo ndwara yari yabangamiye ibigori .

Aha abo barimyi bakavuga ko muri kino  gihe uruhombo ari runini kuko na cane cane ko uburyo bari bakoresheje butari  buke .

Iyo ndwara y’ibigori yari yibonekeje mu mwaka uheze ,ubuyobozi mu ntara ya Gitega buraba ivy’uburimyi bukaba bwari bwaremesheje abarimyi ,bubahamagarira gushira ivu ku kigori cafashwe kugira utwo dukoko tubure isaganirizo ,bukaba kandi bwari bwijejeje ko imiti yo gupompa iriho mu bubiko bukaba bwaciye bunasaba  abarimyi kwegera abapfundi b’indimo kugira bubafashe .

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE