Abarimyi bo mu gacimbiri Gihora komine Mutimbuzi,intara ya Bujumbura bavuga ko imirima yabo y’ibigoro ibangamiwe muri kino gihe n’udukoko turya amababi hanyuma ibigori bimaze gufatwa ntibiba bigiheka.Abajejwe intwaro muri ico gice bemeza ko n’ibigori bishasha biri mu bwoko bwa “Pan 53” vyamaze gufatwa n’iyo ndwara
Iyo ndwara ivugwa mu gacimbiri ka Gihora muri Mutimbuzi,igaragarira k’udukoko turya amababi hanyuma ikigori ntikibe kigiheka.Abarimyi bavuga ko imaze imyaka irenga ibiri ,kuva iyo ndwara iteye iyo mirima ,ibigori ntivyasubiriye guheka ndetse n’amababi akaba ahishiye, bamenyesha ko no ku mwaka uheze vyari vyifashe gutyo iyo ndwara badapompye imiti batasoroma.
Ariko n’ubwo biri uko abafundi b’indimo bo bahimiriza abarimyi gupompa imiti muri iyo mirima.
Godefroid Ndihokubwayo arongoye agacimbiri Gihora avuga ko n’imbuto nshasha izwi mu bwoko bwa Pan 53 yamaze gufatwa agira ati:”imirima imeze nabi kubera iyo ndwara yadutse,ikigori kigeze nko kuri centimetero 20 (20cm) haca hatangura gusohoka amababi yamaze kuribwa n’ibikoko”.
Iyo ndongozi imenyesha ko bagerageje gupompa imirima yabo ariko ko ata mpinduka bitanga kuko bibandanya kuribwa n’utwo dukoko.
Uwurongoye uburimyi mu ntara ya Bujumbura Daniel Mazarahisha amenyesha ko atari bwamenyeshwe izo ngorane ariko ko vuba agiye gukurikirana ivy’iyo ndwara.