Inama nkenguzamateka y’Uburundi inyuma yo gukora amatohoza kugihe c’intwaro ya bakavamahanga n’ingaruka zavuye k’ihindurwa ry’intwaro ryakozwe n’ababiligi mu 1925, yerekana ko atayindi nzira ihari atari umwumvikano hagati y’ibihugu vy’Uburundi, Tanzaniya, Ububiligi n’Ubwongereza kuko amasezerano agenga umuryango w’ubumwe bwa Africa OUA yahavuye ubu iba UA avugako imbibe zashinzwe kugihe c’intwaro ya bakavamahanga zibwirizwa kubahirizwa muntumbero yo gukinga amatati hagati y’ibihugu.
Kuwa 30 Rusama 1919 harabaye amasezerano hagati y’umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububiligi n’ayandi makungu yitwa OLTZ hamwe n’uw’imigenderanire y’Ubwongereza n’ayandi makungu yitwa MILNER yatumye intara ya Bugufi yari mu Burundi ico gihe ihabwa igihugu ca Tanzaniya. Ico gihe Ubwongereza bwari bufise umugambi w’ukuhubaka ibarabara ry’indaraye ryari guhuza igisagara ca Cape Town co muri Afrika y’epfo hamwe n’umurwa mukuru Caire wa Egiputa, ibitahavuye bishirwa mu ngiro.
Inyuma y’aho kw’igenekerezo rya 21 Nyakanga 1921, Ububiligi n’Ubwongereza vyasubiye kwumvikana ko intara ya Buha yovanwa ku Burundi ikomekwa kuri Tanzaniya igihugu c’Ububiligi naco kikemererwa gukoresha ibarabara ry’indaraye Dar es Salaam-Kigoma no kuyobora ikivuko c’i Kigoma ariko kuva 1963 ayo masezerano yo kurongora ikivuko c’i Kigoma yarahagaze.
Aho niho umukenguzamateka Victor Girukwishaka ahera abaza abahinga bakoze amatohoza kuri ako kahise icokorwa ubu kugira izo ntara zigarukanwe ku Burundi kuko ivyo vyasabwe n’umwami mwambutsa mu 1949 bitumviwe.
Aloys Batungwanayo, umwe mu bahinga bakoze ayo matohoza kurako kahise babitumwe n’inama nkenguzamateka, avuga ko gusubizwa izo ntara vyoca mu mwumvikano habanje gushirwaho umurwi uhurikiyemwo bose, ni ukuvuga abongereza, abarundi, abatanzaniya hamwe n’ababiligi.
«Hatabaye umwumvikano ku mpande zompi ntacoshoboka kuko imbibe zashinzwe mu gihe c’intwaro ya bakavamahanga zidasubirwamwo»: Bishikirizwa n’uwuserukira ubumwe bwa Africa mu karere k’ibiyaga binini Sgher M’bareck Said. Nawe avugako habaye umwumvikano kumpande zose ariho ico ikibazo cotora inzira , bitabaye ivyo Uburundi bubwirizwa kubahiriza imbibe zashinzwe kugihe c’intwaro ya bakavamahanga kuko buri mubihugu vyasize umukono kumasezerano yo mu 1964 ashinga umuryango wa OUA ari nayo mungingo yayo ya 6 ashinga ko izombibe zibwirizwa kubahirizwa ” intengibilité des frontières herités de la colonisation”
Ivyo ariko ntivyabujije ko hagumye haduka indyane zifatiye kumbibe hagati y’ibihugu vya Africa arinaco catumye kuva mu 1965 hagumye hashingwa umurwi w’ubumwe bwa Africa ujejwe kwiga ivyo bibazo.