Kw’igenekerezo rya 13 Nzero uyu mwaka w’2025, abaririmvyi n’abahoze bakina urukino rw’umupira w’amaguru barategura igikorwa co gushimira Jean Gilbert Kanyenkore yahoze ari umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba anamenyereza umugwi Vital’o FC.
Amafaranga agera ku miriyoni cumi na zitatu niyo yegeranijwe avuye mu bakunzi b’uwo mumenyereza nayo ayagera ku miriyoni zine n’ibihumbi amajana atanu niyo yatojwe mu rukino rwahuje ibihangange mu muziki ndundi n’abahoze bakina urukino rw’umupira w’amaguru. Jean Gilbert Kanyenkore akaba yahawe imiriyoni zitatu n’ibihumbi amajana atanu gusa mu gihe yari agenewe imiriyoni cumi na zitatu.
Patrick Harakandi yari mu barongoye umugwi watunganyije ico gikorwa akaba n’umuvugizi w’umugwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba aranegura ico yise ubusahuzi agahanura abantu bose kuvavanura n’iyo ngendo igayitse agira ati: “Je narababwiye bazane amahera tuyatange ariko bakaguma bisamaza ngo bariko baraharura munyuma ntangazwa no kwumva Yaoundé yahawe ayarenga gato imiriyoni zitatu.
Naciye ntangura amatohoza nca ndamenya ko amahera yagabuwe n’akagwi k’abantu bashika kuri cumi n’umwe kandi ko umwe wese yahawe ayababa ibihumbi amajana atandatu”.
Harakandi amenyesha ariko ko ako kagwi kaciye gategekwa gusubiza ayo mahera. Aranegura uwo wese afise bene ako gatima ko gusahura agira ati: “Hako usahura wosaba ” Nubwo biri uko, arashimira ko igikorwa co gusubiza ayo mafaranga cagenze neza aho bafatiye ingingo y’uko uwutazoyasubiza azoca akurikiranwa mu butungane.