CoopérationhomepageInternationaleKirundi

Perezida Trump yahagaritse ibijanye na Green Card inyuma y’ubwicanyi bwakozwe n’umwe mu bimukira

Perezida wa reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, yafashe ingingo yo guhagarika vy’agateganyo porogarama izwi nka “Diversity Visa Lottery” canke “Green Card”, inyuma y’ivyaha vy’ubwicanyi vyagirijwe Claudio Manuel Neves Valente, vyabereye muri kaminuza za Brown University na Massachusetts Institute of Technology (MIT).

Ku wa gatatu uheze, igenekerezo rya 13 Kigarama 2025, Claudio Neves Valente, w’imyaka 48 yarashe amasasu mu nyubakwa ya kaminuza ya Brown iri mu gisagara ca Providence. Muri ico gitero, abanyeshure babiri barishwe, abandi icenda barakomereka. Ku musi wakurikiye, Valente yagirijwe kandi kwica umwigisha wa MIT, Prof. Nuno Loreiro, umushakashatsi azwi cane mu bijanye na fizike y’ibidukikije.

Inyuma y’ihigwa ryamaze imisi itanu, Claudio Neves Valente bamusanze yapfuye mu bubiko bwo muri Salem, New Hampshire, aho bivugwa ko yiyahuye. Abategetsi bamenyesheje ko yoba yariko ariruka inyuma y’aho baje kumufata ari naho yaciye afata ingingo yo kwiyahura.

Inyuma y’ivyo, Perezida Trump yategetse ko USCIS (ikigo kijejwe ibibazo vy’abimukira muri Amerika) gihagarika porogarama ya Green Card Lottery, yemerera abantu bava mu bihugu bidafise abimukira benshi muri Amerika kwinjira biciye mu mahiganwa. Claudio Neves Valente yinjiye muri Amerika muri 2017 biciye muri iyo porogarama, aho yahawe uburenganzira bwo kuba muri Amerika nk’umwenegihugu bwegu.

Kristi Noem, Umushikirangaji w’intwaro yo hagati mu gihugu yavuze ati :” Umuntu w’inkozi y’ikibi nk’uyu ntakwiye kuba yarinjiye mu gihugu cacu”. Yongeye avuga ko porogarama ya Green card ikwiye gusubirwamwo kugira hagenzurwe neza abinjira.

Iyi ngingo ishobora kugira ingaruka ku bihumbi vy’abantu bariko barondera ubuzima bushasha muri Amerika biciye muri porogarama ya Green Card. Mu mwaka wa 2024, abarenga 13,000 bava muri Afrika harimwo n’abarundi, bararonse Green card biciye muri iyo porogarama.

Abaharanira agateka k’abimukira baraneguye iyo ngingo, bavuga ko ari uguhana abantu ataco bazira kubera ubukozi bw’iki bw’umuntu umwe. Ariko abashigikiye Trump bo bavuga ko umutekano w’igihugu utegerezwa kuza imbere ya vyose.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE