Inyuma yo kumara imisi itari mike arwarirye mu bitaro vyo mu gihugu c’Ubuhindi RailaOdinga yahoze ari Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Kenya yitavye Imana ku myaka 80 y’amavuka.
Urupfu rwiwe rutangajwe mu gihe yari mu gihugu c’Ubuhindi. Ikinyamakuru Kenyans.co.ke candikako umutima wa Raila Odinga wahagaze mu gihe yariko aratambuka muri ico gihugu nyene. Odinga ni umwe mu banyeporitike bakomeye cane muri Kenya aho yari ayimazemwo imyaka ishika 40. Yagiye araca mu mabanga akomeye mu vy’intwaro aho mbere yabaye n’Umushikiranganji wa mbere kuva 2008 gushika 2013.
Odinga yaritoje incuro zitanu zose mu kibanza c’Umukuru w’igihugu, ariko hose agenda aratsindwa. Mu 2007, ugutsibdwa kwiwe kwarateye imigumuko ikomeye aho abantu barenga 1.000 bahasize ubuzima.
Muri uyu mwaka wa 2025, uyu yafatwa nka nomero imwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa William Ruto, yaritoje kuba Umukuru w’inama y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika ariko birangira naho nyene adatowe. Muri ayo matora yari ashigikiwe n’ibihugu bitandukanye n’Uburundi burimwo.
Raila Odinga ashengeye yitezwe nk’uwuzohiganwa mu matora ya Prezida wa Kenya ategekanijwe mu mwaka w’2027.