#Sport#EntertainmenthomepageKirundiSport

Road to Ball: uku niko imigwi iriko iritwara mu mahiganwa ya Basketball

Muri za nkino z’umupira w’amaboko ziriko zirabera mu gihugu, imigwi nka Remesha, Urunani B, Les Hippos na Ball Hunters yitwaye neza itsinda inkino zabo zose mu gihe imigwi nka Simba, Université de Ngozi, Lion Team na New Look itarasinda urukino na rumwe.
Ku kibuga c’i Ngozi, umugwi Remesha watsinze umugwi wa New Look ku manota 103-32, kandi bukeye yongera itsinda Target Urumuri mu rukino rwari rukomeye amanota 69-67. I Bujumbura, Urunani B rwatsinze Simba (76-48) na Université de Ngozi (85-64). Ku rundi ruhande, Ball Hunters yatsinze nayo nyene inkino zabo zibiri, harimwo urukino rukomeye na Simba (61-57).
Mu gisagara ca Gitega, umugwi Les Hippos watsinze inkino zibiri zose wakinye harimwo urukino rukomeye cane rwayihuje na Dynamo B (63-60). Dynamo B nawo watsinze bikomeye Lion Team ku manota 109-29, ariko urundi rukino yatsinzwe na Les Hippos .
Target Urumuri nayo yatsinze urukino rumwe itsinda Avenir de l’Est ariko yatsinzwe na Remesha mu rukino rwari rukomeye. N’umugwi wa Gisagara watsinze urukino rumwe utsindwa urundi.
Imigwi nka New Look, Lion Team, Université de Ngozi na Simba niyo migwi yatanguye nabi itsindwa inkino zose.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE