BurundiEnvironnementhomepageKirundi

Rutana: agahinda ni kenshi ku mutumba wa Nyamure

Agahinda ni kenshi ku mutumba wa Nyamure, uri mu zone Gitaba, komine Rutana, intara ya Burunga kuva inyuma y’umutaga wo kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 29 Nzero 2026 aho imvura nyinshi ivanze urubura n’umuyaga mwinshi vyononye imirima igera kuri hegitari 85 irimwo ibiterwa bitandukanye.

Ku mutumba wa Nyamure hononekaye hegitari 40, Nyabisanzu hononekaye hegitari 25, nayo ku mutumba wa Muhiza hononekaye hegitari 20. Aho ngo no mu gitondo co kuri uyu wa gatanu, hari hakirarangwa ibirundo vy’urubura ku mitumba imwe imwe, nk’uko amakuru dukura kuri iyo mitumba abivuga.

Umukuru w’umutumba wa Nyamure amenyesha ko hari imiryango myinshi yatakaje vyose, kandi ko itagifise icizigiro co kwimbura ivy’agatasi. Asaba abategetsi hamwe n’abagiraneza gutabara vyihutirwa iyo miryango yasinzikajwe n’ayo mahano.

Ayo mabi y’ikirere ariko aribonekeza no ku yindi mitumba yo mu makomine atandukanye agize intara ya Burunga muri iyi misi, naho igitigiri c’ivyahatikiriye kitari bwashikirizwe ku mugaragaro n’abategetsi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE