Reta y’u Rwanda yarafashe ingingo, kuwa 13 Nzero 2025, yo gukura kw’isoko amapikipiki yose adakoresha umuyagankuba mu ntumbero yo gukingira ibidukikije .
Nk’uko tubikesha ikinyamakuru BBC Gahuzamiryango, iryo tegeko ryashinzwe inyuma y’aho ivyigwa vyakozwe vyerekanye ko ibidukikije muri ico gihugu bigeramiwe n’ivyuka bibi bisohorwa n’ingendeshwa, amahinguriro n’ibindi. Abamaze gukoresha izo pikipiki bavuga ko ari nziza kandi zibungukira gusumba izikoresha igitoro.
Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ibikorwa vya Reta Jimmy Gasore avuga ko mu bihungabanya ibidukijije harimwo ingendeshwa, aho amapikipiki afata hafi ibice mirongo itanu kw’ijana, 50%. Jimmy Gasore amenyesha kandi ko amapikipiki yari asanzwe yunguruza abatu muri ico gihugu anwa ibitoro adafatwa n’iryo tegeko.
Yamara ngo hariho umugambi wo kuzozihindura nazo zigakoresha umuyagankuba. Uwo mushikiranganji abandanya avuga ko n’ubwo iryo tegeko ryatanguriye ku murwa mukuru Kigali, mu misi iri imbere rizokoreshwa no mu ntara hagati. Nayo ingendehswa zikoresha umuyagankuba zinjira muri ico gihugu. Abndanya amenyesha ko Reta y’u Rwanda itegekanya kutazozirihisha amakori.
Mwomenya ko kuva hafashwe iyo ngingo, hamaze kwinjira muri ico gihugu amapikipiki akoresha umuyagankuba agera ku bihumbi bitandatu.