BurundihomepageKirundiTransport

SOPEBU yafatiye igihano ama bus 22 co kudasubira gukora gushika ku musi wa mbere

Ishirahamwe rijejwe itunganywa ry’ibitoro mu Burundi SOPEBU ryafatiye ingingo kuri uyu wa kane bene ingendeshwa zunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura zigera kuri 22 kudasubira gukora gushika ku musi wa mbere igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2026. SOPEBU ribagiriza kuba mu ndwi iheze, batakwije incuro bategerezwa mu kwunguruza abantu kuva hagati mu gisagara ca Bujumbura babajana mu ma quartiers atandukanye. Bene izo ngendeshwa ntibahakana ivyo bagirizwa n’iryo shirahamwe ariko basavye ko bocirwa inkoni ngufi.

Mu nama yagiranye nabo bene ingendeshwa zunguruza abantu bakoresheje igitoro bahabwa n’ishirahamwe SOPEBU, umuyobozi mukuru waryo Samuel Ndayisenga yabagirije kudakwiza incuro bategerezwa kugira ku musi , bavana abanyagihugu hagati mu gisagara ca Bujumbura babajana mu ma quartiers, canke kutabashikana ku bituro aho bategerezwa kubashikana muma quartiers atandukanye kandi bari bahawe igitoro n’iryo shirahamwe. Abo bene izo ngendeshwa, ntibahakanye ko ivyo bitaba, bikozwe n’abakozi babo. Hagati aho, bamwe babona ko hakwiye kujaho uburyo boja barahanahana amakuru hagati yabo n’iryo shirahamwe kugira badome urutoke ku bagendesha izo modokari iyo baciye kubiri n’ibisabwa na SOPEBU. Ariko kandi, bene izo ngendeshwa banasavye gucirwa inkoni ngufi.

N’ubwo basavye kugabanirizwa igihano, umuyobozi mukuru wa sopebu yababwiye ko habwirizwa kubanza gukorwa ayandi matohoza kugira koko harabwe amakosa yakozwe na buri ngendeshwa. Abakora akazi ko kwunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura hakoreshejwe ingendeshwa zo mubwoko bwa coester canke minibus bari bamaze kwidogerwa kandi n’ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo gutwara abantu n’ibintu ko babika ingendeshwa zabo hakiri kare, gutyo ikaba imwe mu mvo ituma hibonekeza imirongo miremire hagati mu gisagara ca Bujumbura mu masaha y’umugoroba.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuwa 28 Nzero uyu mwaka n’ishirahamwe rijejwe gutanga igitoro SOPEBU, kubakorera ku bituro bitazwi co kimwe n’abarihisha amafaranga anyuranye n’ibiciro vyashinzwe na Leta baragabishijwe n’iryo shirahamwe ko nka hamwe babibandanije bazofatirwa ibihano ruhasha.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE