homepageKirundiSport

Uburundi bugiye gutana mu mitwe n’igihugu ca Seychelles

Uburundi buza gutana mu mitwe n’igihugu ca Seychelles kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 25 Ntwarante 2025, igihe c’isaha zitatu z’ijoro, mu ntumbero y’ukurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino z’igikombe c’isi c’umwaka w’2026. 

Uburundi mu nkino zine bumaze gukina na Seychelles ntiburatakaza urukino na rumwe canke ngo bunganye n’ico gihugu ca Seychelles. Mu mwaka wa 2015 igenekerezo rya 13 Gitugutu Uburundi bwatsinze Seychelles ibitsindo bibiri ku busa. Mu mwaka wa 2020 igenekerezo rya 18 Nzero, Uburundi butsinda Seychelles ibitsindo bitatu kuri kimwe. Ntivyarangiriye aho gutsinda ico gihugu kuko mu mwaka wa 2021, Uburundi bwongeye kubikora neza mu gutsinda ico gihugu ibitsindo 8 kuri 1.

Mu mwaka wa 2024 igenekerezo rya 11 Ruheshi , Seychelles yakiriye Uburundi aho Uburundi bwaciye butsinda ibitsindo bitatu kuri kimwe. Muri ico gihe cose Uburundi ntibwari bufise umumenyereza Patrick Sangwa Mayani bwari bufise uwundi mumenyereza.

Uburundi bukaba buri mu kibanza ca gatatu n’amanota 7 mugihe Seychelles iri mukibanza ca gatandatu kandi nta nota na rimwe irigera ironka muri izo nkino zo kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino z’igikombe c’isi c’umwaka w’2026.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE