BurundiCANKirundiSport

Uburundi ntivyakunzeko butsindira Côté d’ivoire muri Maroc

 

Kw’igenegerezo rya 21 Ntwarante 2025 niho umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba wariko urakina n’uwigihugu ca Côte d’Ivoire, urukino rurangira Uburundi butsinzwe igitsindo kimwe k’ubusa(1-0), igitsindo cabonetse k’umunota wa 16.

 

Bamwe bati naho Uburundi bwatakaje urukino bwari bwakinye kuko ngo bwariko burakina n’igihugu gikomeye ku mugabane wa Afrika nka Côté d’ivoire kuko ico gihugu catahukanye igikombe ca Afrika CAN 2023 gitsinze igihugu ca Nigeria muri Finale, iyo CAN ikaba yari yabereye muri ico gihugu nyene ca Côte d’Ivoire

Muri izo nkino zo kurondera ubunganzira bwo kwitabira inkino z’igikombe ca Afrika CAN 2026, Uburundi bukaba buriko buritegurira urundi rukino ruzobahuza n’igihugu ca Seychelles igenekerezo rya 24 Ntwarante umwaka wa 2025.

Uburundi bukaba kandi buri mu kibanza ca gatatu n’amanota 7,ikibanza ca kabiri kikaba kirimwo Igihugu ca Gabon n’amanota 10, mugihe Côté d’ivoire kiza mu kibanza ca mbere n’amanota 13, muri buri umuce hakazorengana Igihugu kimwe kizoba cabaye icambere kikazoca citabira inkino za nyuma z’igikombe c’isi za 2026.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE