BurundiElevagehomepageKirundi

Ubworozi bw’imbata bukozwe neza buratanga inyungu kare

Iyo ubworozi bw’imbata bukozwe neza buratuma haboneka kare inyungu nk’uko bamwe mu bazororeye mu ntara ya Bujumbura babivuga. Imbata ziri mu bitungwa biguruka bidakunze guterwa n’ingwara.

Urbain kwizera ni umworozi w’ibiguruka asanzwe aba muri karitiye Nyabugete muri komine Mugere intara ya Bujumbura. Muvyo yorora haribonekeza cane ubwoko bw’imbata butandukanye. Kwizera avuga ko yahisemwo imbata kuko zunguka kare. Muvyo atunze hari imbata nyinshi zababa 400 ziri mu bwoko butandukanye ariko akaba yahereye ku mbata zishika kuri 20 gushika uno musi aramaze guharura imbata amaze kwinjiza mu rugo iwe zirenga 800 zivuye kuri izo mbata 26 yahereyeko.

Imbata ziri mu bitungwa bidakunda kugwara iyo uzitunze neza. Indundi zirashobora kuberura ibindi bitungwa biguruka. Ubwoko bw’imbata bita ama oua bwo buravuza urwamo iyo hinjiye umuntu atamenyerewe mu rugo.

N’aho biri uko intambamyi ntizibuze na cane cane ko kuzorora bisaba umutahe. Arbain Kwizera we abona ko ari ibintu bisanzwe mu gihe irigi ry’imbata rigurwa amafaranga 1500fbu kuduga aho ikiro c’inyama zayo ubu coba kibarizwa mu mamafaranga 45000fbu.

Abo borozi bahamagarira abipfuza kwiyungunganya kwitaho ubworozi bw’imbata kuko umuntu ashobora kuhaterera imbere mu buryo bunyarutse.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE