ElevagehomepageKirundi

Iswa ni kimwe mubifungurwa bifasha uwacihereje kugumana amagara meza

Jean Marie Nshimirimana ni umushakashatsi mu gisata ca 3 muri Kaminuza y’Uburundi avuga ko m’ubushakashatsi bariko barakora bibanze cane k’udukoko dutoduto dusanzwe turibwa n’abantu hamwe n’ibitungwa. Abantu benshi bivanye n’intara usanga batatumenyereye. Hariho n’izindi ntara usanga batuzi ariko kubera tuboneka amezi make nko mu gihe c’umutasuro w’imvura tugaca dusubira tugakena. Utwo dukoko ni nk’iswa, isenene, ibijogoja, intenga, ibihori, utunyabwoya, isazi n’utundi. 

Mu kiganiro ”hinduringendo” gica ku nsamirizi Indundi culture aho uwo musore yari umutumire kuwa gatatu igenenekerezo rya 19 Ntwarante uyu mwaka wa 2025, Jean Marie Nshimirimana amenyesha ko baravye ubuzima turimwo mu gihe umubiri w’umuntu usanzwe ufise ivyo ufungura kugira ntugwaragurike. kuzokwifashisha kugirango tugwanye ugufungura nabi ni ibihe? muri ibi bindi bifungurwa dusanzwe twihereza. Utwo dukoko dusaba ikibanza gito kugira utworore n’uberyo buke tugatanga n’umusaruro mwinshi kuruta kworora inka, impene n’ibindi bitungwa bisaba ibibanza binini».

Jean Marie ashikiriza ko badafata isazi zirya ziba ziriko ziraguruka mu mazu. Ni ubundi bwoko bw’isazi aho hari n’ibindi bihugu usanga bazifungura ama “larve” yazo nko mu gihugu ca Zimbabwe. Izo sazi rero bita “Mouche Sorda Noire” zirafise ubushobozi bwo gukora ibintu vyinshi umuntu azoroye nko kugwanya umwuka mubi aho tuba. Zirya sazi zisanzwe zigurukira ku bikoresho vyo mu nzu, ziraheza zigahunga.

Uzitunze, uraronka amafaranga avuye mu magi yazo uba ugurishije ku bandi baba bipfuza kuzorora canke ukagurisha inyo ”larves” mu gihe uba wayabundikirije. Jean Marie avuga ko ubworozi bw’isazi ata kintu na kimwe gitakara kuko urayorora igata amagi ayo magi ikayabundikiriza akavamwo inyo inzonyo ukazigaburira ibitungwa izindi zigapfa iyipfuye igaheza ikavamwo iyindi sazi.

«Izonyo hariho “Étape” zigerako aho tuzimbura tukazishira ibindi bitungwa bikazifungura. Usanga zigomba kweragurika hanyuma uko zikura canke uko ziguma zisaza ugasanga zigomba kwirabura. Haragera igihe zikaraba mu nyuma zikameneka zigaca zivamwo isazi zirabura». Uwo mworozi avuga kandi ko igituma abantu badafungura cane utwo dukoko biva ku mico y’abarundi.

Avuga kandi ko mu gihe Reta yoshiraho poritike yo gushigikira uwo mugambi w’ukworora utwo dukoko dutoduto vyofasha canecane nk’abana bagwaye kwashi kuko ngo mw’ifu y’imyumbati bongeyemwo utwo dukoko iba ingaburo nziza kuri bo.

Agira ati :« Turamaze kuja mu ntara zitandukanye nka Makamba, Kirundo, Gitega na Bujumbura turabona ko hari abasanzwe badandaza utwo dukoko. Hariho n’abavyeyi babitanguye kuva kera. Mu kigo ISA c’i Gitega aho dusanzwe turiko turarangurira uwo mugambi, hari abanyagihugu batari bake bamaze kuza turabigisha ubwo bworozi ndetse bamwe baramaze kubishira mu ngiro».

Uwo mugambi ngo waratevye kuja mu ngiro biturutse kukubura ubyo ari naho basaba gufatwa mu mugongo n’amahinguriro, amashirahamwe na Reta. Bafise umugambi wo gushiraho ”laboratoire” izoza irabafasha gutungira utwo dukoko mu kibanza kimeze neza na rirya basanze hari udukoko tumwe tumwe usanga dukunda ahantu hashushe canke hakanye.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE