BurundihomepageKirundiSante

Udukoresho two mu butinyanka turateye ikibazo bamwe mu bigeme b’i Bujumbura

Nk’uko bisigurwa na bano  bigeme barwiriyemwo abanyeshure bo mu ntara ya Bujumbura bavuga ko ubu batoroherwa iyo ukwezi kwabo ko kuja mu butinyanka kugeze bitumwe n’uko twazimvye.

Iryo zimba ry’utwo dukoresho ryatumye hari bamwe muri bo bahitamwo gukoresha ibitambara nk’uko babivuga.

N’aho bakoresha utwo dutambara abo bigeme bavuga ko bafise ubwoba bwo kwandura indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka nk’uko mbere ngo hari bamwe mu bagenzi babo bamaze kugwara.

Kubera ivyo rero abo bigeme basaba ko hogwizwa amahinguriro y’udukoresho dukoreshwa mu gihe c’ubutinyanka kugira n’igiciro kireke kuba umurengera.

Muri kino gihe  udukoresho abigeme canke abakenyezi  bifashisha mu gihe c’ubutinyanka  twabandanije kuduga igiciro bivanye n’ubwoko bwavyo. Nko mu kiringo ci’amezi atanu aheze, hari ivyavuye ku mafaranga 4500 bija ku 5000.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE